Felix Tshisekedi yipfuza kuramutswa igihugu ca Repubulika y'Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo)

Felix Tshisekedi (i buryo) umukuru wa UDPS Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Mu gihe yoba abaye perezida, Felix Tshisekedi yoba ashitse kuvyo se atagezeko

Felix Tshisekedi Tshilombo ni umwe mu bakandida batavuga rumwe n'ubutegetsi agwanira ikibanza c'umukuru w'igihugu mu matora ategekanywa ku munsi wa Mungu, ariko hari abibaza niba yorenga aho se yashikanye.

Uwo mugabo w'imyaka 55 afise abana batanu azwi cane ku kuba ari umuhungu w'umugabo yamaze igihe kirekire agwanya ubutegetsi, Etienne Tshisekedi, ariko we akavuga ko atipfuza guhiganwa na se.

Se wa Felix Tshisekedi niwe yatanguje umugambwe "Union pour la Démocratie et le Progrès Social" (UDPS) mu 1982, akaba yahangana ico gihe n'umukuru w'igihugu yatwaza igikenye, Mobutu Sese Seko yapfuye haheze amezi akuwe ku butegetsi mu 1997.

Ku burongozi bwiwe, UDPS niwo wari umugambwe wa mbere ukomeye cane mu yitavuga rumwe n'ubutegetsi, ariko ntiyigize ashikira ubutegetsi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Corbis
Image caption Etienne Tshisekedi niwe yatanguje UDPS mu 1982

Mu 2011 yaritwaye muri sentare ku matora yari yatunganijwe munyuma aronka ibice 32% ariko ntiyashobora gutuma ashikira ubutegetsi, mu gihe Joseph Kabila yari yaronse 49%.

Etienne Tshisekedi yapfuye mu 2017, munyuma abantu baguma bibaza uwuzoshobora kumusubirira.

Uwigeze kumubera umuyobozi mwishikira Albert Moleka yabwiye BBC ko umuhungu wiwe atariwe yarakwiye: "Etienne Tshisekedi yarivugira ko atabona ubushobozi bw'umuhungu wiwe. Yama amusaba kwitanga kurusha.

"Yari umugabo yagwaniye abanyagihugu, ntiyashobora gupfa gukwegera muri ico kibanza umuhungu wiwe."

Bwana Moleka avuga ko nyina, Marthe Kasalu, ariwe yatumye Felix arongora umugambwe.

Image caption Avuga ko atipfuza guhangana na se kuberako ari shebuja. Ngo ntawuhangana na shebuja

Mu kwezi kwa Gatatu uno mwaka, niwe yatowe kurongora umugambwe, aca aba inyuma y'ivyo umukandida mu matora yimirije.

Bwana Tshisekedi yinjijwe muri politike akiri muto, mu kurondera kwitoza ka mukuru w'igihugu yabicishije mu mugambwe.

Yaragize ibibazo biturutse ku ruhara se yarafise muri politike.

Igihe UDPS itanguza, umuryango wa Tshisekedi waciye uja kuba mu gihugu hagati, mu ntara ya Kasai yo hagati.

Wagumyeyo gushika mu 1985, igihe Perezida Mobutu abahereye uruhusha rwo kugenda.

Yipfuza kutangendera kw'izina rya se

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Felix Tshisekedi yipfuza kudakorera kw'izina rya se
  • Yavukiye i Kinshasa, itariki 13 Ukwezi kwa Gatandatu mu 1963
  • Bamwita Fatshi, indome zitangura amazina yiwe Felix Antoine Tshilombo
  • Se yatanguje UDPS mu 1982
  • Yagiye kuba mu Bubiligi mu 1985
  • Yize Business na Marketing
  • Yatowe kurongora UDPS mu kwezi kwa Gatatu mu 2018
  • Yipfuza kubanza kugwanya ubukene.

Felix Tshisekedi yagiye kuba i Buruseli mu Bubiligi. Arangije ivyigwa yaciye yinjira muri politike, aba umunyamabanga w'igihugu mu bijanye n'imigenderanire n'amakungu ya UDPS ariko aba i Buruseli.

Bwana Moleka avuga ati: "Yaragize abagenzi bakomeye n'abo bacudika mu bagiye kuba mu mahanga, ariko rimwe na rimwe ntibamwibuka - ntivyari bimworoheye."

"Felix yamye yerekana ko afise ishaka. Arafise ingoga ariko ingorane nuko ategerezwa kubanza kumenya ico akurikirana."

'Kubandanya indoto ya se'

Muri kino gihe, uwo mugabo yizeye kurongora igihugu niwe yitezwe kuzana amahinduka mu gihugu ca RD Congo, kitarigera kibona ibisikanye ry'ubutegetsi riciye mu mahoro kuva mu 1960.

Felix Tshiskedi yavuze ati: "Nta mugambi mfise wo guhiganwa na papa. Ni databuja, ntawuhiganwa na sebuja."

"Ariko ngiye gukora ivyo nshobora kugira nshire mu kuri indoto yiwe, indoto y'igihugu kirimwo amategeko, Congo nziza aho abana bacu bashobora gutera imbere, ivyo nivyo nkurikirana."

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Felix Tshisekedi avuga ko ica mbere azokora ari kugwanya ubukene

Ni yatogwa ku munsi wa Mungu, Bwana Tshisekedi avuga ko azogwanya ubukene "ingorane imuraje ishinga".

Yipfuza ko umwimbu w'umuntu umwe ku munsi ushika ku madolari $11.75 uvuye kuri $1.25 uno munsi.

Yabwiye BBC ko imigambi yiwe izotwara imyaka 10 n'amahera imiliyaridi z'amadolari 86 ($86bn).

'Kwihora'

Bwana Moleka yarabonye aho izindi nguvu z'indongozi ya UDPS zituruka.

Agira ati: "Umuryango w'aba Tshisekedis wabayeho ubuzima bugoye, ano matora ni nko kwihorera umuryango."

Igihe ashikiriza imigambi yiwe mu nama n'abamenyeshamakuru, uwo munyapolitike yarahaswe ibibazo ko ata buzobere afise.

"Nivyo nta buzobere mbise mu gutwara nabi no mu gusahura igihugu, ariko ndafise ubuzobere mu kwubahiriza agateka ka zina muntu n'ukwidegemvya kw'abasivile."

Mu mezi arangiye, imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi irimwo UDPS yari yavuze ko yipfuza gutora umukandida umwe ngo ishobore gutsinda umugambwe uri ku butegetsi.

Hari ingunga imwe y'amatora, umukandida aronse amajwi niwe aba atsinze. Mu gihe imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi yiciyemwo imice, bishobora kugenda nabi mu matora.

Inyuma yaho imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi ifatiye ingingo yo gushigikira Martin Fayulu nk'umukandida umwe rudende, Bwana Tshisekedi yaciye yikuramwo.

Ashigikiwe na Vital Kamerhe, arongoye umugambwe "Union de la Nation Congolaise", icegera ciwe mw'ihiganwa.

Bwana Tshisekedi yavuze ko mukwikura ku bandi yakurikiye ivyipfuzo vy'abanyamugambwe biwe, ariko benshi baramwidogera kuba atashigikiye Bwana Fayulu.

'Ibihe biteye ubwoba'

Bwana Tshisekedi yabwiye BBC ati: "Ukwo ano matora agiye gukorwa si mu buryo busanzwe."

"Turi mu bihe biteye ubwoba kandi bidatekanye ariko kandi abanyagihugu bakaba bipfuza ko aya matora akogwa, kuko bararambiwe na buno butegetsi bwagiyeho mu 1997, buzana ubwicanyi , ubwicanyi butari bwaboneke."

Kugira ashobore kuba perezida, ikintu se atashoboye gushikako, Bwana Tshisekedi ategerezwa kugondoza abamushigikira ko ariwe mukandida akwiriye ashobora guhangana n'umugambwe uri ku butegetsi.