Emmanuel Ramazani Shadary: Uwo Kabila yahisemwo kurongora RD Congo

Emmanuel Ramazani Shadary Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Emmanuel Ramazani Shadary niwe Kabila yahisemwo

Emmanuel Ramazani Shadary niwe Perezida Joseph Kabila yahisemwo mu bomusubirira ariko akaba ari umuntu atinyitse muri Repubulika y'Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo).

Ikibazo abantu bibaza ni uko Bwana Shadary yobandanya yifata ukwo igihe yoba atsinze amatora y'umukuru w'igihugu ku munsi wa Mungu.

Uwo mugabo yigeze kuba icegera c'umushikiranganji wa mbere, akaba n'umushikiranganji w'umutekano hagati mu gihugu, bivugwa ko yahavuye atazigwa "Back To Back" ku ruhara yagize mu kuburagiza urukurikirane rw'imyiyerekano y'abagwanya ubutegetsi mu 2017.

Iryo sekeza ryatumye abantu benshi bapfa, munyuma afatigwa ibihano n'umuryango w'Ubumwe bwa Buraya.

Ariko abamushigikiye bavuga ko iryo zina rituruka mu kuba yari umunyeshuli w'akarorero kuri kaminuza ya Lubumbashi, aho yarangije mu 1987 aba mu bambere.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Emmanuel Ramazani Shadary yizeye gushigikigwa n'abari inyuma y'umukuru w'igihugu ngo atsinde amatora

Ukuntu Bwana Shadary ayobokera umukuru w'igihugu vyatumye abishimigwa, ahabwa amabanga yo kuba Umunyamabanga Ntayegayezwa mu mugambwe uri ku butegetsi muri RD Congo.

Ariko abantu benshi basanga uwo muyoboke w'intwaro ikaze atawamwitega ku burongozi bw'igihugu, amakuru akavuga ko n'abantu begereye cane Bwana Kabila batangaye igihe Bwana Shadary avugiye ko arondera kwitoza.

'Umuyoboke w'intwaro ikaze'

Bamwe mu basesenguzi ba politike baragabisha bavuga ko mu gihe yotogwa, ko Bwana Shadary yoguma ashusha intebe y'umukuru w'igihugu, mu gihe Bwana Kabila agiye gukinjura inyuma y'imyaka 17, yavuze ko azogaruka.

Perezida ntiyigeze ahakana ko atazitoza mu 2023, avuga ko "urugendo rukiri rurerure" ko azoguma muri politike inyuma y'amatora.

Bwana Shadary yavukiye ahitwa Kasongo mu buseruko bwa Congo mu 1960, yiga ibijanye na politike "Sciences Politiques" kuri Kaminuza ya Lububamshi, imbere yo kwinjira mu buzima busanzwe mu 1990.

Yaratowe mu mabanga y'icegera ca Buramatari mu ntara ya Maniema mu 1997, haheze umwaka aba Buramatari w'iyo ntara nyina wa Bwana Kabila avukamwo.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi yarakoze imyiyerekano ikomeye isaba Kabila ngo atange imihoho

Prof Alphonse Maindo wa Kaminuza ya Kisangani yabwiye BBC ati: "Sinibaza ko yigeze arota ko yoba umukuru w'igihugu ca RD Congo."

"Si umuntu ubona ko abifitiye ijunja, canke yokwegeranya abantu iruhande yiwe."

Abakorana na Bwana Shadary bamuhaye irindi zina "Make It Happen", igihe mu 2018 ashoboye gutuma inama nshingamateka yemeza inagugwa ry'itegeko rigenga amatora mu gihe imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi yari yarigwanije bikwiye.

Bwana 'Make It Happen'

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Emmanuel Ramazani Shadary niwe mukandida w'umugambwe uri ku butegetsi "Front Commun du Congo" (FCC)
  • Yavutse itariki 29 Ukwezi kwa 11 mu 1960 ahitwa Kasongo, mu buseruko bwa RD Congo
  • Acuditse igihe kirekire na Perezida Kabila
  • Yabaye umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu 2016
  • Yafatiwe ibihano n'umuryango w'Ubumwe bwa Buraya ahogwa guhonyanga agateka ka zina muntu mu gutuma abantu bapfa igihe c'imyiyerekano
  • Kuba ari umuntu atagira ikigongwe vyatumye ahabwa izina rya "Make It Happen"

Bwana Shadary yagiye ku rutonde rw'abanyacubahiro mu kwezi kwa 12 mu 2016, igihe agenywe kuba umwe mu vyegera bitatu vy'umushikiranganji wa mbere, agigwa n'umushikiranganji w'umutekano hagati mu gihugu.

Mu gitutu ca Bwana Kabila

Mu kwezi kwa Kabiri mu 2018, Bwana Shadary yagenywe kuba umunyamabanga ntayegayezwa w'umugambwe "Parti du Peuple pour la Reconstruction et la Démocratie" (PPRD), aba abaye umuntu agira kabiri akomeye cane muri uwo mugambwe yafashije kuvuka mu 2002.

PPRD niwo mugambwe ufise abayoboke benshi mu runani rw'imigambwe igwanira uburongozi bw'igihugu.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Vyitezwe ko inteko ziyobokera Emmanuel Ramazani Shadary

Ka mukandida mu matora y'umukuru w'igihugu, Bwana Shadary niwe azoserukira urunani Front Commun du Congo.

Prof Filip Reyntjens wa Kaminuza ya Antwerp mu Bubiligi yabwiye BBC ati: "Bwana Shadary nta muntu yaramuzi imbere yuko agenwa gusubirira Joseph Kabila."

"Iyo hagira uwubaza ngo batange urutonde rw'abantu 10 boshobora kuba abakandida, nta muntu yari kumushiramwo."

Avuga ko bishoboka ko mu gihe "umuntu w'inguvu nke" yorongora RD Congo ko vyotuma Perezida agiye gukinjura agumana ububasha naho azoba ari ku ruhande.

"Ari ukwo birumvikana igituma Kabila yahisemwo uwo muntu."

Uretse ivyo, Bwana Kabila ngo yoba yahisemwo Bwana Shadary ku ntwaro yiwe y'igikenye.

Igihe yari umushikiranganji ajejwe umutekano hagati mu gihugu, yarahagarikishije imyiyerekano abantu benshi baricwa n'inteko z'umutekano mu 2017.

Ukwo kugwanira ubukuru bw'igihugu burakenera uburyo bw'amahera, Prof Maindo akavuga ko Bwana Shadary azokoresha aya Bwana Kabila.

'Amatora y'inkinamico'

Amashirahamwe agwanira agateka ka zina muntu yagiriza Bwana Shadary kugomorera inteko za gisirikare ku banyagihugu bo mu ntara ya Kasai, ivyo bikaba vyatumye havuka umugwi w'inyeshamba mu 2016.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Emmanuel Ramazani Shadary official campaign was launched one month before election day

Umuryango w'Ubumwe bwa Buraya waravyuye ibihano bishingiye ku ngendo no ku butunzi kuri Bwana Shadary n'abandi 13, kukuba batebeje amatora no kuburagiza imyiyerekano hakoreshejwe inguvu nyinshi zatumye abantu bapfa mu 2017.

Ikigo giharanira agateka ka zina muntu "Human Rights Watch" (HRW) kivuga ko amatora yo ku munsi wa Mungu ahakwa kuba "amatora y'inkinamico" mu gihe hari abakandida batavuga rumwe n'ubutegetsi bayirukanywemwo, ubutunzi bugenzugwa n'abafise ubutegetsi bugashobora gufasha Bwana Shadary.

Kuba abanyepolitike Jean-Pierre Bemba na Moise Katumbi barankiwe kwitoza, bituma amahigwe yiwe yo gutsinda yiyongera.

Ikindi kizomufasha gushikira intsinzi nuko bamwe mu bakandida batavuga rumwe n'ubutegetsi batandukanye, Felix Tshisekedi na Martin Fayulu umwumwe wese akaja ukwiwe.

Ni yaramuka atowe ku munsi wa Mungu, ikibazo azoba asigaranye ni gushobora kuva mu gitutu ca Bwana Kabila.