Umugwizatunga Martin Fayulu ari mu bipfuza kuyobora RD Congo

Martin Fayulu Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Martin Fayulu azwi cane ka mwigizatunga

Umugwizatunga atunze cane yakorera mu gisata c'ibitoro Martin Fayulu, ari mu bakandida bagwanira ikibanza c'umukuru w'igihugu mu matora ategekanijwe ku munsi w'Imana.

Umunyamakuru wa BBC Dickens Olewe avuga ko iyo usohoye izina Martin Fayulu, abantu bumva ubudandaji.

Ku capa c'iyamamaza ry'uwo mugabo, ubona azinga amaboko y'ishati, mk'uwiteguriye gukorera igihugu.

Munsi kw'ico capa, hari icivugo ko yipfuza "Congo y'agateka kandi iteye imbere".

Ariko uwo mugabo w'imyaka 62, ahanganye n'abanyepolitike bakomeye nka Emmanuel Ramazani Shadary, wo mu mugambwe uri ku butegetsi akaba n'umuyoboke wa Perezida Joseph Kabila, hamwe na Felix Tshisekedi, uwundi munyapolitike atavuga rumwe n'ubutegetsi.

Yaratangaje abantu igihe mu kwezi guheze ashikirijwe ko ariwe yatowe ngo yitoze kw'itike ry'urunani Lamuka, rutavuga rumwe n'ubutegetsi.

Umuntu yagwanya Mobutu

Naho yagumye mu vya politike kuva mu 2006, akongera akaba n'umushingamateka, azwi cane mu kuba ari umugwizatunga.

Abatamuha ni rwere bavuga ko ivyo bizomukorako mu matora, bakaba bafise amakenga ku kungene yoshira imbere inyungu z'abantu bakenye, igihe yoramuka atsinze amatora.

Bwana Fayulu yatanguye kwinjira mu vya politike igihe c'inama nkuru y'igihugu "Conférence Nationale Souveraine" yatunganijwe mu 1991.

Iyo nama yari yakoranije intumwa zivuye mu ntara zitandukanye, imigambwe, amashirahamwe y'abigenga hamwe n'abashingantahe bo ku mitumba, mu ntumbero yo kwamamaza intwaro ishingiye ku migambwe myinshi.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abayoboke ba Martin Fayulu bizeye ko azotsinda

Indongozi y'ico gihe, Mobutu Sese Seko, yaremeye ko iyo nama iba agondojwe n'abo mu gihugu hagati hamwe n'amakungu, bipfuza irangira ry'intwaro ishingiye ku mugambwe umwe rudende.

Uwo mutegetsi ntiyitabiye ako kamo ko gutunganya intwaro ishingiye ku migambwe myinshi, munyuma akugwa ku butegetsi ku nguvu mu 1997.

Bwana Fayulu yavuye mu budandaji yinjira muri politike mu 2006, igihe atorewe kuba umushingamateka.

'Amajwi ashobora gushwiragira'

Imbere yaho, yarahawe amabanga yo hejuru mw'ishirahamwe ry'ibitoro ry'abanyamerika, Exxon Mobil kuva mu 1984, mu bihugu vyinshi vya Afrika.

Aho yahereje ubwa nyuma, ni mu gihugu ca Etiyopiya aho yari umuyobozi mukuru muri iyo sosiyete.

Abitoreza kuba umukuru w'igihugu ca Kongo

  • Ari mw'idini ry'aba Kristu
  • Azwi nk'"umusirikare w'abanyagihugu" ku kuntu yatunganije imyiyerekano yo kwiyamiriza Prezida Joseph Kabila
  • Yakoreye ishirahamwe Exxon Mobil imyaka 20, aja mu zabukuru mu 2003 ari umuyobozi mukuru w'ibiro biri muri Ethiopia
  • Yatorewe kuba umushingamateka mu 2006 no mu 2011
  • Yatanguje umugambwe uharanira inyungu z'abanyagihugu n'iterambere (ECIDE) mu 2009"
  • Yavutse itariki 29/11/1960, I Kasongo mu buseruko bwa Kongo
  • Amaze igihe kinini akorana vya hafi na Prezida Kabila
  • Yabaye umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu 2016
  • Yafatiwe ibihano n'ishirahamwe rya Buraya rimwagiriza guhohotera abantu bari mu myiyerekano
  • Bivugwa ko ari umuntu atagira ikinya, bimuviramwo gutazirwa Ndabishikana""

Mu kwezi kwa Gatatu mu 2009, Bwana Fayulu yarafashije mu gutanguza umugambwe "Engagement pour la Citoyenneté et le Dévelopement" (ECIDE), aca aba ariwe awurongora.

Iminsi mike inyuma yaho Bwana Fayulu agenewe kuba umukandida ahagararira imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi, babiri mubo bari kumwe muri urwo runani baciye bidohora: Felix Tshisekedi na Vital Kamerhe.

Basiguye ko abayoboke babo batashigikiye uwo mwumvikano.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Martin Fayulu yari yashigikiwe n'indongozi zose z'imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi

Bwana Tshisekedi, umuhungu w'umunyapolitike atavuga rumwe n'ubutegetsi Etienne Tshisekedi, yitavye Imana mu 2017, nawe nyene ni umukandida mu matora y'umukuru w'igihugu, ivyo bigashobora gutuma amajwi y'abashigikiye imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi ashwiragira.

Ariko Bwana Fayulu afise icizere ko afise abantu bakwiye bamushigikiye. Ari kumwe n'abanyepolitike babiri bakomeye, uwigeze kuba icegera c'umukuru w'igihugu, Jean-Pierre Bemba na Moise Katumbi, yigeze kuyobora ikigo kigenzura ubucukuzi bw'amabuye y'agaciro - Gecamines - mu ntara ya Katanga.

Abo banyepolitike ukwo ari babiri barankiwe guhiganigwa ikibanza c'umukuru w'igihugu n'akanama kajejwe amatora muri RD Congo.

Bwana Fayulu yabwiye BBC ati: "Abanye Congo banyita 'umusirikare w'abanyagihugu'".

Yashikirije ayo majambo yipfuza kwishura abavuga ko atazwi.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
  • Yavukiye i Kinshasa itariki 21 Ukwezi kwa 11 mu 1956
  • Ari mw'idini ry'abakirisu
  • Azwi kw'izina 'umusirikare w'abanyagihugu' n'abayoboke biwe
  • Yarangije imyaka 20 yo gukorana na Exxon Mobil mu 2003
  • Yatowe ka mushingamateka kabiri mu 2006 no mu 2011
  • Yatanguje umugambwe wiwe mu 2009

Itariki 19 Ukwezi kwa Cenda mu 2016 urusasu rwaciye hejuru y'umutwe wa Bwana Fayulu, igipolisi kiriko kirashwiragiza abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza Perezida Kabila ku mugwa mukuru Kinshasa.

Ico gihe abantu 17 barishwe muri iyo migumuko.

Francesca Bomboko w'ikigo Berci International kizofasha mu matora yabwiye BBC ati: "Fayulu yaragiye mu myiyerekano yo kugwanya Kabila, kurivyo abantu benshi baramumenyereye i Kinshasa."

Yabandanije ati: "Igenwa ryiwe ka mukandida w'imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi, ryaratumye aboneka cane bituma abantu benshi bamumenya."

Bwana Fayulu nawe nyene yarimenyekanishije mu gushira ku mbuga hwaniro amafoto yiwe igihe c'imyiyamamazo.

Imwe muri iyo myiyamamazo yaraburagijwe n'abajejwe umutekano, mu bindi bihe abayoboke biwe baricwa.

Ikigo giharanira agateka ka zina muntu "Human Rights Watch" (HRW) cagiriza ubutegetsi gukoresha inguvu nyinshi mu kuburagiza imyiyamamazo yiwe.

Umusesenguzi mu vya politike Albert Moleka yagize ati: "Niwe ubona ko aserukira koko abatavuga rumwe n'ubutegetsi...ni yirinda ibiturire, Fayulu ashobora kuba Etienne Tshisekedi mushasha."

"Kabila abona Fayulu nk'intagondwa, nkibaza ko atanguye kubona ko ashobora kumutera ikibazo."

Bwana Fayulu avuga ko yipfuza kunagura igisata c'umutekano, akaba afise umugambi wo kwimurira ibigwanisho vya gisirikare mu buseruko bwa Congo, ari naho indyane zikunze kwaduka.

Yipfuza no guhindura ama kontara y'ubucukuzi bw'amabuye y'agaciro hamwe n'ay'ibitoro ku nyungu z'igihugu, akavuga ko ubuzobere yaronse akora muri Exxon Mobil bwamuteguye kuri ivyo bikorwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption DR Congo has never had a peaceful and democratic transfer of power

Naho hari ingorane nyinshi, Bwana Fayulu niwe uravye imigambi yiwe yoba umukuru w'ico gihugu kingana amahanga muri Afrika ya hagati.

Yabwiye BBC ati: "Amahirwe mfise ni menshi cane."

Yongeye ati: "Kuba mpiganwa n'umukandida w'ijunja rito nka Bwana Shadary, nta kibazo gihari. Ndafise abayoboke benshi mu gihugu."

Mu gihe azwi cane ku mugwa mukuru Kinshasa aho afise ihoteli, umuryango wiwe ugaturuka mu ntara ya Bandundu, bisigura ko naho nyene ashobora kuhakura amajwi.

Yizeye ko ata wundi mukandida wo mu batavuga rumwe n'ubutegetsi azomubuza ayo mahirwe mu matora yo ku munsi wa Mungu, aho yizeye ko inyuma yaho azoduza amaboko y'ishati agatangura gukorera igihugu.