Tshisekedi yemeye isango rishasha ry'amatora

Felix Tshisekedi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Muri Republika ya demokarasi ya Congo umwe mu bahiganirwa ikibanza c'umukuru w'igihugu yasavye abayoboke biwe kwemera isango ryatanzwe n' umugwi ujejwe gutunganya amatora, waraye wungururije ayo umukuru w'igihugu n'abashingamateka kuwa 30 z'uku.

Ayo matora amaze kwunguruzwa incuro ya gatatu kuva mu 2016, igihe president Kabila yari kuba yarangirijeko ikiringo ciwe.

Ashikiriza ijambo abamushigikiye bari bitavye imyiyamamazo ku murwa mukuru Kinshasa, umwe mu bitoza batavuga rumwe na leta, Felix Tshitsekedi yabasavye gutekana no kwihangana.

Amajana n'amajana muri bo bari batonze ku cicaro gikuru c'unugambwe UDPS ari nawo wa mbere ukomeye mu yitavuga rumwe na leta kugira bumve ico uwo bashize imbere avuga ku vyaraye bitangajwe n'umugwi ujejwe amatora ko ayo matora asibijwe ikiringo c'indwi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Felix Tshisekedi afadikanije na Vital Kamerhe (ibumoso)

Yobaye kuri uyu wa mungu itariki 27 none yashizwe ku wa mungu itariki 30 z'uku kwezi nyene.

Imvo yatanzwe n'uko hakirindiriwe miliyoni zine z'impapuro z'amatora kugira zishike zivuye muri Korea y'epfo iyo zakoreshejwe ariko benshi mu gihugu bakaba babona ko ari amayeri yo kugira amatora ntabe.

Felix Tshisekedi yavuze ko ashaka kubandanya yiyamamaza gushika itariki 28, ubundi ikiringo co kwiyamamaza cari kurangira ku uyu wa gatanu tariki ya 21/12/2018 nyene hakurikijwe ikirangaminsi cari kihasanzwe ivyo gusivya amatora bitaraba.