Irani yanyonze umwigizatunga akomeye yagirizwa ibiturire

Hamidreza Baqeri Darmani muri sentare

Ahavuye isanamu, Iran State TV

Insiguro y'isanamu,

Urubanza rwa Hamidreza Baqeri Darmani rwacishijwe ku mboneshakure y'igihugu

Umugwizatunga akomeye cane mu gihugu ca Irani batazira 'Sultan du bitume' yishwe anyonzwe kubera ibiturire.

Hamidreza Baqeri Darmani yagiriwe n'amakosa yo gukora inkaratasi za magendo zatumye aronka amadeni ashigikiwe na leta.

Yaciye akoresha amasosiyete yamuhaye amatoni 3000000 y'ikaburimbo - ikoreshwa mu gukora amabarabara - igisata cinjiza amahera menshi muri Irani.

Darmani w'imyaka 49, abaye umugwizatunga wa gatatu anyonzwe, kuva aho ubutegetsi bufatiye ingingo yo guhasha ibiturire mu mwaka uheze.

Mu kwezi guheze Irani yaranyonze umuntu yakora mu budandaji bw'amahera bita 'Sultan des pièces', bamusanganye amatoni abiri y'amahera y'inzahabu.

Ku bw'ikinyamakuru Mizan, Darman yagurishije kaburimbo y'imiliyoni 100 z'amadolari ($100m) biciye muri "magendo, inkaratasi z'impimbano n'ibiturire". Yafashwe mu kwezi kwa Munani mu 2014.

Amakuru yuko Darmani yishwe yacishijwe ku mboneshakure ya Irani nk'isinema.

Abamenyeshamakuru bakorera aho muri Irani bavuze ko ubutegetsi bwipfuza kwerekana ingene buhana abanyonyora ubutunzi bw'igihugu bugeze ahatemba.

Ubutunzi bwa Irani bugeze ku manga, imwe mu nsiguro bitewe n'ibihano Amerika iheruka gukomereza igihugu.