Tsunami yahitanye 168 ikomeretsa amajana muri Endoneziya

Ikirunga Anak Krakatoa caduka Uwufise ububasha kw’isanamu Oystein Lund Andersen
Image caption Ifoto yerekana ikirunga Anak Krakatoa caduka ku munsi wa Gatandatu

Ubutegetsi bwamenyesheje ko nimiburiburi abantu 168 bapfuye abandi 745 barakomereka, inyuma yaho tsunami yibasiye inkengera z'ahitwa Sunda Strait mu gihugu ca Endoneziya.

Ikigo c'igihugu kijejwe ivyaduka cavuze ko inyubakwa amajana zononekaye, kubera iyo tsunami yo ku munsi wa Gatandatu.

Kivuga ko icateye iyo tsunami ari ibihomoka vy'imisozi, inyuma yaho ikirunga Anak Krakatoa cadukiye.

Ico kigo cagabishije abanyagihugu kibasaba kuja hirya y'inkengera, ku bwoba ko hoshobora gutera iyindi tsunami.

Ubutegetsi bwavuze ko tsunami yo ku munsi wa Gatandatu yateye isaha 14:30 GMT, ko igitigiri c'abapfuye gishobora kwiyongera.

Mu ntara za Pandeglang, Lampung na Serang niho bivugwa ko hapfuye abantu benshi.

Umumenyeshamakuru wa BBC, Rebecca Henschke ari mu gihugu ca Endoneziya, yavuze ko hari amakuru ko igitigiri c'abapfuye mu ntara ya Lampung yonyene gishobora kuja mu majana.

Tumwe mu turere twibasiwe cane ni inkengera ya Tanjung Lesung, mu burengero bwa Java.

Ubutegetsi ntibwigeze buburira abanyagihugu, igihe imikuba y'amazi yariko iraza igana isi.

Uwufise ububasha kw’isanamu BNPB
Image caption Ikigo kijejwe ivyaduka cerekana ingene iyo tsunami yibasiye ahitwa Anyer
Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Inzu zononekaye ku nkengera ya Anyer

Kuri videwo yacishijwe ku mbuga hwaniro ubona umukuba w'amazi wibasira ihema ryo kw'ihoteri aho umugwi w'abaririmvyi bakundwa cane muri Endoneziya, aba Seventeen, bariko baravugiriza.

Urabona bamwe mu baririmvyi batwagwa n'amazi yibasiye aho baririmbira.

Kuri videwo yacishijwe kuri Instagram, umuririmvyi Riefian Fajarsyah, avuga ko babiri mubo bari kumwe bapfuye, ko bandi batatu hamwe n'umugore wiwe atawuzi irengero ryabo.

Ikigo c'umusaraba utukura - Croix Rouge - gikorera mu gihugu kivuga ko cageze mu bibanza vyibasiwe aho kiriko kirarondera abaguweko n'amazu.

Umuvugizi w'ikigo kijejwe ivyaduka muri Endoneziya, Sutopo Purwo Nugroho, yarungitse videwo y'ingene ibintu vyononekaye i Lampung.

Inyuma yaho iyo tsunami ibomoreye amazu, bamwe mu banyagihugu bahungiye mu nyubakwa zarusimvye, nko mu misigiti n'ahandi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abanyagihugu bo mu ntara ya Pandeglang birukiye mu musigiti

Ubutegetsi buriko buratohoza niba iyo tsunami yatewe n'ikirunga Anak Krakatoa, kiri kw'izinga rya Sunda Strait.

Umuhinga mu vy'ibirunga Jess Phoenix yabwiye BBC ko igihe ikirunga gituritse, ko ivyo gisesa biba bishushe bishobora kumanyura amabuye n'imisozi, bigatera ibihomoka vyo mu mazi, biheza bigasunika amazi.

Endoneziya irakunze kwibasigwa na tsunami, bitewe nuko iri mu karere kagwiriyemwo ibirunga na nyamugigima.

Mu kwezi kwa Cenda, abantu barenga 2000 barapfuye igihe nyamugigima itereye izinga rya Sulawesi, igatuma haduka tsunami mu gisagara ca Palu.