Man United ya Ole Gunnar yikuye vy'agashinyaguro Cardiff 5-1

Anthony Martial Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Anthony Martial amaze kwinjiriza Manchester United ibitsindo 8 ku nkino 14 uno mwaka

Umumenyereza mfatakibanza mushasha Ole Gunnar Solskjaer yatanguye neza mu mugwi Manchester United mu gustinda vy'agashinyaguro umugwi Cardiff 5-1.

Uwo mukinyi wa kera wa United yasubiriye Jose Mourinho yirukanywe hagati mu ndwi, intsinzi yiwe ya mbere igashobora guha ingoga abakunzi ba United.

Intsinzi nkiyo y'uwo mumenyereza aturuka mu gihugu ca Norvège hanze ya Old Trafford, ni ubwa mbere iboneka kuva umumenyereza Alex Ferguson agiye mu 2013.

Umukinyi wo hagati Paul Pogba yahora agumizwa ku ntebe y'abasubirizi, yerekanye urukino rwiza mu gufasha abagiye batsinda.

Pogba yagize uruhara mu bitsindo nka vyose, kuva ku cinjijwe na Rashford ku munota wa 3, Ander Harrera ku munota wa 29, Anthony martial ku munota wa 41 na Jesse Lingard ku munota wa 90.

Manchester United yaragize amahirwe mu gihe imwe mu migwi iri imbere yayo mu manota itashoboye gutsinda, nka Manchester City yatsinzwe na Crystal Palace, Cheslsea igatsindwa na Leicester.

Ivyo vyatumye United igira amanota 8 gusa, inyuma y'imigwi yoja muri kino gihe mw'ihiganwa rya Champions League.

Ibindi bisa n’ibi