Abapolisi barashe ivyuka bikoroza amosozi mu gihe imyiyerekano iriko irakwiragira hensi muri Sudani

Ahavuye isanamu, Reuters
Imyiyerekano imaze imisi itanu muri Sudani
Igipolisi co muri Sudani carashe ivyuka bikoroza amosozi mubari mu myiyerekano yo kwiyamiriza reta yakwiragiye mu gihugu cose.
Abantu amajana n'amajana bugaye ibarabara riri iruhande y'ikibuga c'umupira w'amaguru ku mugwa mukuru Khartoum ku musi w'Imana imbere yo gushwiragizwa n'igipolisi.
Abatavuga rumwe na reta bavuga ko abantu 22 bishwe kuva ku wa gatatu, ariko abari ku butegetsi bavuga ko abapfuye badashika abo.
Iyo myiyerekano yadutse inyuma y'aho hadugorijwe igiciro c'umukate n'igitoro.
Mu mwaka uheze, ibiciro vy'ibintu bimwe bimwe vyaragwijwe na kabiri, amahera arata agaciro, hanyuma ibintu bimwe bimwe birabura ku masoko yo mu bisagara harimwo n'umugwa mukuru Khartoum.
Ahavuye isanamu, EPA
Bashir - yahora kugendera mugenzi we wa Syria Assad mu ntango z'uku kwezi - yavuze ko azova ku butegetsi mu 2020
Umugwi w'abaganga na wo nyene wamenyesheje ko abawugize bagiye guhagarika akazi kuva kuri uyu wa mbere mu ntumbero yo kotsa igitutu prezida Omar al-Bashir.