Umugabo yamaze imyaka 18 yarigize umupatiri muri Epagne yafashwe

Umuntu ari gusangira mu misa muri Taiwan itariki 10/08/2018 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abasangijwe canke bakiregeshwa n'uwo mupatiri ngo bihindutse ubusa

Ishengero gatolika muri Espagne rivuga ko ryirukanye umupatiri mu muji wa Medina-Sidonia kubera yuko basanze atarigeze ahabwa ubupatiri.

Miguel Angel Ibarra yari amaze imyaka cumi n'umunani asoma imisa mu maparuwasi, ahereye Colombia hamwe no mu bumanuko bwa Espagne mu myaka ya vuba.

Ariko baje gusanga yarigize umupatiri nyuma y'aho hari uwushingishije ikirego i Colombia.

Umuvugizi wa dioseze y'i Cadiz na Ceuta yavuze ko abo uwo yigize umupatiri yasangije bose hamwe n'abo yiregesheje bihindutse ubusa.

Ariko yongeyeko yuko ubukwe hamwe n'ukubatizwa yahagarikiye vyo bizogumana agaciro, ngo kandi ntibikenewe ko hagira uwutegura ubundi bukwe.

Ushobora gusoma kandi:

Ibindi bisa n’ibi