Igihe Noweli yabuzwa n'abakirisu mu Bwongereza na Amerika

Ahavuye isanamu, Universal History Archive
Abaporoti b'intagondwa baritondera cane amategeko abagenga
Hari igihe mu Bwongereza bigeze kwumva ko hakwiye gufatwa ingingo ku bikorwa bitari ivyo abakirisu.
Uko ukwezi kwa cumi na kabiri gutashe, kwigenza neza mu bantu kwaragabanuka, bituma haba kwibaza ko hari igikwiye gukorwa
Abantu barenza urugero mu buryo bitwara, bagaca kubiri n'ingeso rukirisu zaranga ubuzima bwabo bwa minsi yose.
Ububare bwaruzura abantu bari mu kanyamuneza, ibikorwa bigahagarikwa mu masaha ya kare, imiryango igakorana bagasangira ibifungurwa bidasanzwe, amazu agasharizwa n'amashami y'ibiti, abantu bakihereza amabarabara baririmba
Vyafatwa nk'icaha,
Kandi bari abakirisu.
Umukirisu nyakuri ni nde?
Mu 1644, Abongereza biyita abemera cane kurusha abandi bafashe ingingo yo guhagarika Noweli. Bari Abakirisu b'abaporoti bemera amategeko akaze y'idini.
Leta y'Abaporoti b'intagondwa yabona Noweli nk'isabukuru y'abapagani, aho ata cemezo gituruka muri Bibiliya cavuga ko uwa 25 ari itariki y'amavuka ya Yezu canke Yesu Kirisu.
Ahavuye isanamu, Getty Images
Iryo shami ryafatwa nk'iryeranda, abaporoti b'intagondwa barifata nk'iry'abakatorika b'i Roma
Ivyo bavuga ku kirangaminsi vyari vyo, ariko turabigarukako hanyuma.
Dusubize Noweli yacu!
Ibikorwa vyose bijanye no guhimbaza Noweli vyarahagaritswe mu 1660.
Kuwa 25 z'ukwa 12 hatanzwe itegeko ko amaduka n'amasoko aguma akora, mugihe amasengero nayo aguma yugaye. Gusoma imisa ya Noweli vyari icaha.
Ariko rero ntiryemewe vyoroshe
Habaye imyiyerekano yo gusaba uburenganzira bwo kunywa, kwidagadura no kuririmba indirimbo.
Iryo tegeko ryagiye gukurwaho ku butegetsi bw'umwami Charles II.
Iminsi mikuru n'imyidagaduro ya Noweli ntiyari yitaweho n'intagondwa z'abaporoti bo muri Amerika nabo nyene.
Ahavuye isanamu, Getty Images
Iki gicapo cerekana intagondwa y'umuporoti akankamira abana ku bijanye no guhimbaza Noweli
Naho nyene muri Amerika Noweli yarabujijwe.
Muri Massachusetts, kuri izo mpamvu nyene zabaye mu Bwongereza, nta Noweli yahimbajwe hagati ya 1659 na 1681.
N'igihe itegeko ryabuza Noweli rikuriweho, intagondwa z'abaporoti zakomeje gufata uwo munsi mukuru nk'uw'abapagani.
Itariki nyayo y'amavuka?
Ni vyo hariho kutavuga rumwe kw'itariki nyayo y'amavuka ya Kirisu.
Bamwe mu ncabwenge zanonosoye ivy'ijambo ry'Imana bemeza ko yoba yavutse ku mpeshi kuko abungere bari ku musozi baragiye intama.
Birashoboka ko bari kuba bari mu ngo bikinze imbeho iyo haba mu mpera z'umwaka.
Canke birashoboka ko hari mu gihe c'inyuma y'ici bita Automne, iyo abo bungere bari kuba bacunze intama mu gihe co kwima, kugira basobanure izimaze kugira amezi n'uyundi mukuku.
Ariko nta tariki itangwa muri Bibiliya
Imigenzo ya gipagani
Ariko rero birazwi neza ko hahozeho iminsi mikuru y'igipagani ikomeye mu mpera z'umwaka kuva ku butegetsi bw'aba Roma mu mpera z'ukwezi kwa 12.
Ahavuye isanamu, Getty Images
Nk'iki gicapo cerekana ko aba Romani bakunda iminsi mikuru
Mu bisanzwe wari nk'umunsi wo kwigina umwimbu, abantu bagahana utuganuke, inzu zigasharizwa n'amashami, ibifungurwa vyuzuye, inzoga n'akaborerwe ariko ntivyasigara inyuma.
Nk'uko bivugwa n'umuhinga muri kahise, Simon Sebag Montefiore, abakirisu bategerezwa guhangana n'iyo migenzo ya gipagani abantu bari baja baramenyereye mu mibereho yabo.
Aba Roma batanguye guheba iyo migenzo bayisubiriza n'inyifato rukirisu. Ariko mu gihe itari bwafate neza, ikirangaminsi c'abakirisu cisunze ico abapagani.
Haraheze igihe aba Roma baja mu minsi mikuru ya gipagani n'iya gikirisu.
Mu mpera z'ikinjana ca kane, imigenzo ya gipagani n'iminsi mikuru y'abakirisu yarahura mu kiringo c'iminsi 14 mu kwezi kwacumi na kabiri
Ariko rero ntivyagenda ata tugorane tugiyemwo.
Abatsindwa n'abatsinda
Impera n'imperuka, abakirisu bahavuye batsinda.
Ahavuye isanamu, Getty Images
Indya za Noweli zishobora guhagama, nk' uko iki gicapo co mu kinjana ca 19 kivyerekana
Kurwanya Noweli kwo mu kinjana ca 17 kwaturuka ku gushaka gukuraho ivyo abaporoti b'intagondwa babona nk'umurage w'abapagani.
Ariko witegereje iruhande yawe, usanga atavyo bagezeko, ahubwo barananiwe.
Rero mu gihe abakirisu hirya no hino kw'isi bariko bafungura ivya Noweli bongera bashariza amazu yabo bisukira n'agakanywa, burya iyo minsi mikuru yabo ifise imizi y'igihe ca kure imbere y'ivuka rya Kirisu.