Basata yarekuriye Diamond na Rayvanny kuririmba no kuremesha ibiteramo hanze y'igihugu

diamond platnumz Uwufise ububasha kw’isanamu DiamondPlatnumz

Abaririmvyi bakomeye mu gihugu ca Tanzaniya, Diamond Platnumz na Rayvanny bahawe uruhusha rwo gushobora kuremesha ibiteramo inyuma y'igihugu.

Mu makuru yasohowe n'ikigo kijejwe kugenzura imico kama muri Tanzaniya "Baraza la Sanaa la Taifa" (Basata), ico kigo kivuga ko abo baririmvyi babiri bahawe umwidegemvyo wo gutunganya ibiteramo no kuririmba inyuma y'igihugu, ariko bakaba bacihanikijwe kubikorera mu gihugu.

Diamond hamwe n'abo bakorana mu mugwi wiwe Wasafi bitezwe mu gisagara ca Embu itariki 24 Ukwezi kwa 12 n'i Mombasa itariki 26 imbere yo kuja mu gihugu ca Comores itariki 28 Ukwezi kwa 12.

Itariki 31, abo baririmvyi barindaranywe igishika cinshi ku kibuga co kuruhukiramwo Uhuru Park aho bazovugiriza hamwe n'umugwi Morgan Heritage wo muri Jamaïque.

Abaririmvyi Diamond Platnumz na Rayvanny naho barekuriwe kuririmba no guteramisha ibiteramo hanze y'igihugu, ntibashobora kuvuza mu gihugu ca Tanzaniya.

Ikigo BASATA kibahora ko barenze amategeko bagacuraranga indirimbo zihanikijwe zirimwo ibiterasoni nk'iyitwa Mwanza.

Abo baririmvyi baheruka gusohora videwo bacishije ku mbuga hwaniro yo gusaba ikigongwe.

Ibindi bisa n’ibi