Abahitanywe na Tsunami muri Endoneziya bashitse ku 429 n'abarenga 100 babuzwe irengero

Abantu babuze ayo bacira n'ayo bamira muri Endoneziya
Image caption Abantu babuze ayo bacira n'ayo bamira muri Endoneziya

Igitigiri c'abahitanywe na Tsunami mu gihugu ca Endoneziya kubera ibirunga vya Anak Krakatau kiguma ciyongera, ubu kikaba kigeze ku 429 nkuko ikigo kijejwe ivyaduka cabishikirije.

Ku munsi wa Gatandatu imikuba ikomeye y'amazi yaribasiye amazinga ya Sumatra na Java.

Abantu biyumvira ko ibirunga vyo mu mazi vyateye ibihomoka vy'imisozi munsi y'amazi, bihinda amazi yateye iyo mikuba.

Ikigo kijejwe ivyaduka kivuga ko abantu bagera 150 bakibuzwe irengero, mu gihe 16000 bataye ingo zabo.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Bamwe mu banyagihugu inzu zabomotse canke vyabaye ngombwa ko bava mu ngo bahungiye mu misigiti

Abanyagihugu baba ku nkengera basabwe kwigira kure, mu gutinya ko iyindi tsunami yohava yaduka.

Ikirunga Anak Krakatau caraturitse ku munsi wa Mungu, kirekura umunyota hamwe n'umwotsi.

Hari amashusho ya videwo yafashwe n'indege y'ico kirunga co mu gisagara ca Sunda Strait, hagati ya Sumatra na Java.

Ibikorwa vy'abatabazi vyaburijwemwo n'amabarabara azibiye ariko hakaba hajanywe ibimashini binini bifasha kuraba abaguweko n'ibihomoka.

Abanyagihugu boba baragabishijwe?

Ku munsi wa mbere, umuvugizi w'ikigo kijejwe ivyaduka "National Disaster Management Agency" yavuze mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ko iyindi tsunami ishobora kwaduka, kubera ibirunga biguma biturika ahitwa Anak Krakatau.

Gisaba abanyagihugu kuba baririnda kwegera ikiyaga bakaja kure yaco, nkuko Sutopo Purwo Nugroho yabishikirije.

Endoneziya irakunze kwibasigwa na tsunami, bitewe nuko iri mu karere kagwiriyemwo ibirunga na nyamugigima.

Mu kwezi kwa Cenda, abantu barenga 2000 barapfuye igihe nyamugigima itereye izinga rya Sulawesi, igatuma haduka tsunami mu gisagara ca Palu.