Umwana wa kabiri w'umwimukira yapfiriye ku mupaka wa Mexique na Amerika

Abimukira bashitse ku rubibe rwa Amerika na Mexique bavuga ko bahunga iturubikwa, ubukene n'ubwicanyi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abimukira bashitse ku rubibe rwa Amerika na Mexique bavuga ko bahunga iturubikwa, ubukene n'ubwicanyi

Abajejwe uruja n'uruza bavuze ko umwana w'umuhungu w'imyaka umunani aturuka mu gihugu ca Guatemala yapfiriye mw'ibohero ryo muri Amerika, ku rubibe rw'ico gihugu na Mexique.

Umushingamateka wo muri leta ya Texas yavuze ko uwo mwana yitwa Felipe Alonzo-Gomez.

Bubaye ubwa kabiri muri kuno kwezi umwana w'umwimukira apfira mw'ibohero amaze kurengana urubibe rwa Mexique.

Ico gihe umwana w'imyaka indwi Jakelin Caal, nawe nyene aturuka muri Guatemala, yapfuye haheze amasaha ashikanywe mw'ibohero.

Umushingamateka Joaquin Castro yasavye ko hakogwa itohoza ku rupfu rw'uwo muhungu.

Yagize ati: "Dutegerezwa gukora ukwo dushoboye ngo abimukira n'abarondera ubuhungiro ngo babeho mu gateka, bongere baronke imiti aho bapfungiwe muri Amerika."

"Iyi politike y'ubutegetsi yo gushira abimukira kure y'aho binjiriye mu kurondera kubaharura, bishira mu kaga imiryango hamwe n'abana."

Ibihumbi vy'abimukira bava muri Amerika yo hagati baja muri Amerika.

Abo bimukira bavuga ko bahunga iturubikwa, ubukene hamwe n'ubwicanyi bikogwa mu bihugu vya Guatemala, Honduras na El Salvador.

Benshi muribo bavuga ko intego yabo ari kuja kuba muri Amerika naho ubutegetsi bwa Amerika bwatangaje ko uwo wese azofatigwa mu gihugu adafise ivyangombwa ko azofatwa agasubizwa inyuma.

Urupfu rwa Felipe Alonzo-Gomez rwagenze gute?

Ikigo kigenzura uruja n'uruza "US Customs and Border Protection" kivuga ko uwo mwana w'umuhungu yapfuye inyuma ya sasita z'ijoro itariki 25 Ukwezi kwa 12."

Mw'itangazo casohoye kivuga ko uwo mwana w'imyaka umunani "yarafise ibimenyetso vy'umuntu agwaye" ku munsi wa mbere.

We na se bajanywe mu bitaro vy'ahitwa Alamogordo, muri leta ya New Mexico, uwo mwana atogwa imbeho n'inyonko, ahabwa imiti ya amoxicillin na ibuprofen, arekugwa ku wa mbere ku muhingamo.

Iryo tangazo rivuga ko yagarutse ku bitaro ku munsi wa mbere ku mugoroba adahwa, aca acikana inyuma y'amasaha.

Ico kigo kijejwe uruja n'uruza kivuga ko hataramenyekana icamwishe, ariko ko ayo makuru yashikirijwe ubutegetsi bwo muri Guatemala.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Musaza wa Jakelin Caal, Abdel afise ifoto ya Jakelin aho baba i San Antonio mu kigwati Secortez

Inyuma y'urupfu rwa Jakelin Caal, ikiziga ciwe caciye kijanwa mu gihugu ca Guatemala, aho umuryango waciye umushingura.

Imbere yuko apfa Jakelin Caal yari kumwe na se ari nawe bafatanye urwo rugendo rwo kuja muri Amerika.

We na se bishikanye mu maboko y'abagenzura urubibe ba Amerika muri leta ya New Mexico mu ntango y'ukwezi kwa 12.

Apfunzwe, Jakelin yagize inyonko nyinshi, munyuma yicwa n'igitigu haheze iminsi myinshi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Claudia Maquin, mama wa Jakelin, arira igihe c'amaziko ku munsi wa kabiri muri Guatemala