Imyiyerekano ishingiye ku matora yibasiye ivuriro rya Ebola i Beni muri RD Congo

Abari mu myiyerekano bateye ivuriro rya Ebola batwara intebe n'imeza Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abari mu myiyerekano bateye ivuriro rya Ebola batwara intebe n'imeza

Imyiyerekano y'abanyagihugu batewe n'agashavu ko kwigiza inyuma amatora mu duce tumwe tumwe twa Repubulika y'Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo), yibasiye ivuriro ryagenewe abanduye ikiza ca Ebola.

Ico gitero cagabwe i Beni mu buseruko bw'igihugu, kimwe mu bisagara bigwiriyemwo abatavuga rumwe n'ubutegetsi, aho amatora yigijwe inyuma.

Akanama kajejwe amatora kavuga ko ikiza ca Ebola kiharangwa kiri mu vyatumye amatora yo muri ako gace yunguruzwa.

Ariko imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi yagiriza abajejwe intwaro kurondera kwiba amajwi.

Iruhande ya Beni, amatora yarungurujwe gushika mu kwezi kwa Gatatu n'ahitwa Butembo mu buseruko nyene, hamwe na Yumbi mu burengero.

Mu gihe uwuzosubirira Perezida Joseph Kabila azorahizwa mu kwezi kuza, vyibonekeza ko amajwi arenga umuliyoni ashobora kudaharugwa.

Mu kiganiro na BBC, Bwana Kabila yaravuze ashimitse ko kwunguruza amatora inyuma y'ishikiriza ry'ibitigiri vya nyuma bijanye n'amategeko.

Bwana Kabila yagize ati: "Ntimusimbwe n'umutima, amategeko arategekanijwe ku bibazo nka mwen'ivyo."

Image caption Perezida Kabila yavuze ko abajejwe amatora bisunga ibwirizwa shingiro kuvyo bakora vyose

Yabandanije ati: "Sinibaza ko hari ingorane zikomeye zizaduka kubera abantu umuliyoni urenga uriko uravuga."

RD Congo ntirigera ibamwo ukubisikanya gutekanye ku butegetsi, kuva igihugu cikukira cikuye u Bubiligi mu 1960.

Bwana Kabila, ari ku butegetsi kuva mu 2001, yategerezwa kuba yakinjuye mu 2016.

Amatora yoshizeho uwumusubirira yagumye yigizwa inyuma, mu gihe habaye imyiyerekano myinshi n'ibibazo vyo kwegeranya ibikoresho vy'amatora, mu gihugu gisanzwe kigoye kwiyunguruzamwo.

Abashigikiye imigambwe igwanya ubutegetsi bafise amakenga ko Bwana Kabila ariko ararondera kuguma ku butegetsi.

Arahakana ibivugwa ariko akaba ashigikiye uwahora ari umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu, Emmanuel Ramazani Shadary mu matora y'umukuru w'igihugu.