Ubufaransa bwahevye kugira amatohoza kw'ikororwa ry'indege yari ireruye prezida Habyarimana ryatumye haba jenoside

Rwanda Patriotic Front (RPF) rebels inspect the wreckage of the plane in which Rwandan President Juvenal Habyarimana was killed in April 1994 Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Indege yari ireruye prezida Habyarima yarashwe misile mu kwezi kwa kane mu 1994, bituma haba jenoside

Abacamanza b'abafaransa bahagaritse amatohoza amaze igihe kinini kw'ikororwa ry'indege yari itwaye prezida w'Urwanda Juvenal Habyarimana.

Urupfu rwiwe mu 1994 rwatumye haba jenoside.

Amatohoza y'Ubufaransa yatanguye inyuma y'imyaka ine bisabwe n'imiryango y'abadereva b'ababafaransa bapfiriye muri iyo ndege.

Umucamanza umwe yagirije abagwanyi b'abatutsi, bari barongowe na prezida ahari ubu mu Rwanda, Paul Kagame, ko ari bo bagize ico gitero; haratangwa n'imitahe yo guhagarika bamwe muri ba somambike biwe.

Ivyo bagirizwa vyari vyateshejwe agaciro itariki 21 z'ukwezi kwa cumi na kabiri, nk'uko inkuru ziva mu butungane zabimenyesheje kuri uyu wa gatatu.

Abashikirizamanza b'abafaransa bari basavye ko ivyo bagirizwa bibahanagurwako mu kwezi kwa cumi ngo kuko ata vyagiriji bikwiye vyabonetse ku bagirizwa icaha.

Ababuranira umupfakazi wa Habyarimana, Agathe, babwiye itororokanirizo ry'amakuru rya AFP ko abitwaye muri urwo rubanza bashobora kunguruza.

Philippe Meilhac yavuze ati:"Twosigura iyi ngingo y'abacamanza b'Ubufaransa nko gukubita inkoro hasi imbere y'ibihe vya politike vyatumye abashikirizamanza batabona uko bogwana iyo ntambara. Abategetsi b'Urwanda ntibigeze bashaka gufasha kugira ukuri kuje ahabona."

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Habyarimana, prezida w'umuhutu yari ashigikiwe n'Ubufaransa - yarasiwe mu ndege ariko aratahuka mu Rwanda

Indege yari ireruye Habyarimana yarashwe na misile mu kwezi kwa kane mu 1994, haca haduka jenoside yahitanye abatutsi barenga 800.000 hamwe n'abandi bahutu batavuga rumwe n'ubutegetsi.

Habyarimana - umuhutu yari yashize umukono ku masezerano n'abagwanyi b'abatutsi - yari mu ndege ataha i Kigali ku mugwa mukuru ari kumwe na mugenzi we w'Uburundi Cyprien Ntaryamira, aho indege barimwo yaraswa misile, ihitana abantu bose bari bayirimwo.

Mu 2006, umucamanza w'umufaransa Jean-Louis Bruguiere yavuze ko Kagame - yari arongoye abagwanyi ico gihe - ari we yategetse ico gitero.

Bruguiere yarasohoye ico gihe imitahe yo guhagarika benshi muri ba somambike biwe.

Ntibishobora gukina mu cuma cawe
Imvo n'Imvano ku nkomoko ya Jenoside (igice cya gatanu)

Ayo matohoza yabaye imvo n'imvano y'imishamirano hagati y'Urwanda n'Ubufaransa. Prezida Kagame akaba yavuga ko afise intumbero ya politike, akagiriza Ubufaransa, bwari bushigikiye ubutegetsi bwahahora bw'abahutu - ko bwagize uruhara muri jenocide.

Mu nyuma imigenderanire hagati y'ivyo bihugu yarateye imbere. Mu 2012, icegeranyo c'umucamanza w'Ubufaransa yasubiriye Bruguiere yakuye amakenga ko abagwanyi b'abatutsi ari bo boba barakoroye iyo ndege, ahubwo avuga ko vyoba vyakozwe n'abahutu b'intagondwa.

Amatohoza yakozwe na reta ya Kagame avuga ko misile yakoroye iyo ndege yarashwe iva mw'ikambi yari irimwo abasirikare b'abahutu.

Imigenderanire y'Urwanda n'Ubufaransa

1994: Ubufaransa bwarungitse abasirikare mu butumwa bwa Onu mu Rwanda - m unyuma Urwanda rwagiriza Ubufaransa gukingira ikibaba abagirizwa jenoside.

2006: Umucamanza w'Ubufaransa yagirije abatutsi harimwo na prezida Kagame ko ari bo bishe prezida Habyarimana mu 1994; Urwanda rwaciye ruhagarika imigenderanire n'Ubufaransa.

2009: Urwanda rwinjiye mw'ishirahamwe rya Commonwealth; ruca rusubira kwunga imigenderanire n'Ubufaransa.

2010: Prezida w'Ubufaransa Nicolas Sarkozy yaragendeye Urwanda, aremanga ko Ubufaransa bwakoze amakosa mu 1994

2011: Prezida Kagame yaragendeye Ubufaransa avuga ko hageze kwibagira akahise.