Prezida Trump na Melania bagendeye giturumbuka abasirikare ba Amerika bari muri Irak

Ahavuye isanamu, AFP
Prezida Trump na Melania bagendeye giturumbuka abasirikare ba Amerika bari muri Irak
Prezida wa Amerika Donald Trump n'umupfasoni wiwe Melania Trump bagize urugendo giturumbuka rwo kuramutsa abasirikare ba Amerika bari mu gihugu ca Irak.
Bagiyeyo mw'ijoro rya Noheli kubashimira ku kazi bakora, ku vyo bamaze gushikako hamwe n'ukwitanga kwabo nk'uko bimenyeshwa n'ibiro vy'umukuru w'igihugu.
Trump yavuze ko ata mugambi Amerika ifise wo kuva muri Irak.
Urwo rugendo rugizwe inyuma y'imisi mike umushikiranganji wo kwivuna abansi Jim Mattis atanze imihoho mu mabanga yiwe bivuye ku kutumvikana kuri politike ya Trump muri ako karere.
Ahavuye isanamu, Reuters
Prezida Trump na Melania bagendeye giturumbuka abasirikare ba Amerika bari muri Irak
Amerika ifise abasirikare 5.000 mu gihugu ca Irak bagiye gufasha reta mu ntambara yo kugwanya umuhari wa Etat Islamique.
Inama yari guhuza Trump n'umushikiranganji wa mbere wa Irak, Adel Abdul Mahdi, ntiyabaye. Ibiro vya Mahdi bikavuga ko vyavuye ku kutumvikana ku kuntu iyo nama yari kugenda.
Hakubonana, habaye ibiganiro kuri telefone, ibiro vy'umukuru w'igihugu wa Amerika bikavuga ko Mahdi yemeye ubutumire bwo kugendera Amerika.
Habaye iki muri urwo rugendo rwa Trump?
Ahavuye isanamu, AFP
Prezida Trump na Melania bagendeye giturumbuka abasirikare ba Amerika bari muri Irak
Trump, umupfasoni wiwe hamwe n'umuhanuzi muvyo umutekano w'igihugu John Bolton bagize urwo rugendo mu ndege ya Air Force One bagana ikambi ya gisirikare ya al-Asad mu burengero bw'umugwa mukuru Baghdad guhura n'abasirikare.
Ni rwo rugendo rwa mbere nk'urwo agize muri ako karere.
Muri urwo rugendo yakiriwe neza n'abasirkare igihe yinjira bakoraniyemwo abaramutsa bongera bifotozanya.
Yavuze ko impamvu y'urwo rugendo ari ukubashimira ubwiwe kuba barafasije gutuza Etat Islamique.
Ahavuye isanamu, AFP
Prezida Trump na Melania bagendeye giturumbuka abasirikare ba Amerika bari muri Irak