Urwaruka rw'umugambwe utavuga rumwe na reta muri RD Congo rwihereje amabarabara i Goma

Ahavuye isanamu, AFP
Abatavuga rumwe muri RD Congo bagiriza reta ko ishaka kubima uburenganzira bwabo bwo gutora
I Goma, abantu boba bashika ijana bari mu myiyerekano bashize amabuye hagati mw'ibarabara ryo mu micungararo rya Majengo kugira bahagarike uruja n'uruza babajwe n'iyunguruzwa ry'amatora mu turere tumwe tumwe.
Bavuga ko ingingo y'akanama kajejwe gutegura amatora yo kwimurira ku rindi sango amatora y'uturere dutatu, Beni, Butembo na Yumbi - idashobora kwihanganirwa.
Utwo turere tuzwi nk'utwiganjemwo abatavuga rumwe na reta, abari mu myiyerekano bakagiriza akanama kajejwe gutegura amatora gukorera ku mategeko gahabwa n'umugambwe uri ku butegetsi , ivyo umukuru w'ako kanama yamiriye kure ku rubuga rwiwe rwa Twitter.
Inyuma y'umwanya utari muto, igipolisi cakoresheje ivyuka bikoroza amosozi mu gushwiragiza abari mu myiyerekano, uruja n'uruza na rwo rurasubira kubandanya.
Igipolisi kiracagaragara hirya no hino kandi bagavye.
Imyiyerekano y'I Goma yari yatunganijwe n'umukuru w'urwaruka rwegamiye umugambwe utavuga rumwe na reta wa UNC, Billy Kambale.
Utugwi duto duto tw'abari mu myiyerekano twihereje amabarabara I Beni n'I Butembo kuri uyu kane na ho nyene.
BBC yavuganye n'abari mu myiyerekano kuri telephone mu gisagara ca Butembo bavuga ko bariko baraturirira amapine mu mabarabara mu kwerekana akababaro kabo.
Umumenyeshamakuru akorera muri ako karere yariko arakurikirana ivyo iyo myiyerekano mu gisagara ca Beni yabwiye BBC ko igipolisi cakoresheje ivyuka bikoroza amosozi mu gushwiragiza urwaruka abanywanyi b'umuhari wo muri ako karere, Lucha, uhamagarira abanye Congo bose kwihereza amabarabara.
Nta tangazo na rimwe igipolisi co muri Nord-Kivu kirashira ahabona ryerekeye iyo myiyerekano.