RD Congo: Ubumwe bwa Buraya buriyamiriza iyirukanwa ry'uwubuserukira mw'ico gihugu

Icicaro gikuru c'ishirahamwe rya Buraya i Bruxelles mu Bubirigi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umuvugizi yagize ati "Ingingo yuko Bart Ouvry aba yavuye muri RD Congo mu masaha 48 'ntifashe na gato'."

Umuryango w'Ubumwe bwa Buraya wiyamirije ingingo y'igihugu ca Repubulika y'Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo) yo kwirukana uwuwuserukira muri ico gihugu, imbere y'amatora ategekanijwe ku munsi wa Mungu.

Umukenyezi-muvugizi w'uwo muryango yavuze ati: "Ingingo yuko Bart Ouvry aba yavuye muri RD Congo mu masaha 48 'ntifashe na gato'."

RD Congo ivuga ko yafashe iyo ngingo mu kwihora ku bihano vyafatiwe bamwe mu bategetsi n'umukandida w'amatora w'umugambwe uri ku butegetsi, Emmanuel Ramazani Shadary.

Ibikorwa vyo kwitegurira amatora vyagiye birangwamwo ubwicanyi n'akajagari.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Igipolisi catanye mu mitwe n'abatavuga rumwe n'ubutegetsi mu myiyerekano ku munsi wa Kane mu buseruko bwa RD Congo

Ku munsi wa Kane, abanyagihugu bashigikiye imigambwe igwanya ubutegetsi barinjiye mw'ivuriro rya Ebola mu gisagara ca Beni bonona ivyariyo, biyamiriza ingingo yafashwe yo kwungururiza amatora mu kwezi kwa Gatatu.

Ayandi makimbirane y'abatavuga rumwe n'ubutegetsi n'abajejwe umutekano yaradutse i Goma na Butembo mu buseruko bw'igihugu, kubera iyo mvo nyene.

Mu minsi iheze akanama kajejwe amatora kamenyesheje ko amatora mu duce twa Beni, Butembo na Yumbi, yungururijwe mu kwezi kwa Gatatu, kubera umutekano muke n'ikiza ca Ebola kimaze guhitana abantu 300.

Mu gihe umusubirizi wa Perezida Joseph Kabila yitezwe kurahizwa mu kwezi kuza, vyibonekeza ko amajwi arenga umuliyoni ashobora kudaharugwa.

Mu kiganiro na BBC, Bwana Kabila yavuze ashimika ko kwigiza inyuma amatora ibitigiri vya nyuma vyashikirijwe, ko vyemewe birekuwe n'amategeko.

Image caption Perezida Kabila yavuze ko abajejwe amatora bisunga ibwirizwa shingiro kuvyo bakora vyose

Bwana Kabila yagize ati: "Ntusimbwe n'umutima, itegeko ryaratunganirijwe mwen'ivyo bibazo."

Ashigikiye Bwana Shadary, yigeze kumubera umushikiranganji w'intwaro yo hagati, ahanganye n'abanyapolitike bakomeye, Martin Fayulu yakora mu gisata c'ibitoro na Felix Tshisekedi, umuhungu w'umunyapolitike yashengeye atavuga rumwe n'ubutegetsi, Etienne Tshisekedi.