Ibikorwa vyo guharura amajwi vyatanguye mu biro vy'amatora muri RD Congo

Abaharura amajwi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Inyuma y'amatora ibikorwa vyo guharurisha amajwi intoke birabandanya mu duce twinshi twa RD Congo

Ibikorwa vyo guharura amajwi n'intoke vyatanguye kuri uno wa mbere mu biro bitandukanye vy'amatora muri Repubulika y'Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo).

Abanyagihugu bararindiriye ibitigiri biva mu matora ashobora kutumvikanwako, mu gihe bamwe mu batavuga rumwe n'ubutegetsi bidoga bavuga ko hari vyinshi vyagenze nabi mu kuyatunganya.

Mu makuru arungikwa n'abanyamakuru bakurikirana ayo matora, ibitigiri vya mbere vyari vyatanguye gusohoka mu duce twa Goma, Kisangani na Kinshasa.

Muri rusangi amatora yaranzwemwo ibintu vyinshi bitagenze neza hamwe n'imidugararo, abantu bane barimwo n'umupolisi bakaba barapfuye mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko.

Ishirahamwe Symocel rikurikirana ayo matora ryavuze ko abantu bagenywe n'abakandida gukurikirana amatora birukanywe mu biro bimwe bimwe vy'amatora.

Imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi hamwe n'abajejwe intwaro, baragirizanye ku bwicanyi bwabaye n'ibikoresho vyononekaye.

Umunyamakuru wa BBC akurikirana ayo matora ku mugwa mukuru Kinshasa, yavuze ko ibiro vyinshi vy'amatora bituguruye ku gihe, ahandi imashini zirapfa.

Ku bwa Louise Dewast, hari n'ahandi intonde zo gutorerako zabuze, biba ngombwa ko abaje gutora bamara igihe kirekire batararangura ico gikorwa.

Ku biro vy'amatora vya Limete mu gisagara ca Kinshasa, abantu barindiriye amasaha arenga atandatu bataratora, abandi baraheba barataha.

Abantu 6000 nibo bari bitezwe gutorera mw'ico kibanza, imvura yaguye ari nyinshi ikaba nayo nyene yarononye ico gikorwa.

Abantu barenga imiliyoni 40 nibo bari bitezwe gutora mu gihugu cose, nkuko akanama kajejwe amatora kabishikirije.

Amatora y'abanyagihugu barenga umuliyoni yungururijwe mu kwezi kwa Gatatu kubera umutekano muke n'ikiza ca Ebola, ivyo bikaba vyatumye abanyagihugu baja mu migumuko yahitanye abantu bane mu karere ka Kivy yo mu bumanuko.

Mu bitoreza ikibanza c'umukuru w'igihugu barenga 20, batatu muribo nibo bavugwa cane, uwitwa Emmanuel Ramazani Shadary ashigikiwe na Perezida Joseph Kabila hamwe n'abakandida babiri batavuga rumwe n'ubutegetsi: umugwizatunga Martin Fayulu hamwe na Felix Tshisekedi, umuhungu w'umunyapolitike yagwanije ubutegetsi igihe kirekire, Etienne Tshisekedi yashengeye.