Perezida Duterte wa Philippines ariyemerera ko yafashe umuyaya ku nguvu

Rodrigo Duterte Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Perezida Duterte wa Philippines arakunze gushigwa mu majwi

Abantu benshi babuze ayo bacira n'ayo bamira inyuma yaho Perezida wa Philippines Rodrigo Duterte avugiye ko yafashe umuyaya ku nguvu akiri muto.

Mw'ijambo yashikirije, aravuga ingene yireze ku mupadiri amubwira ingene yamanuye agahuzu ko munsi umuyaya asinziriye.

Umugore aharanira agateka k'abakenyezi Gabriela yavuze ko Bwana Duterte "adakwiye kuvuga ayo majambo ku mabanga afise, ko akwiye gutanga imihoho".

Umukuru w'igihugu ca Philippines aramaze gutuma abanyagihugu bagira agashavu ku majambo ashikiriza ariko aguma akundwa.

Ntibishobora gukina mu cuma cawe
Perezida Duterte wa Philippine yangije imodoka zifite agaciro ka miliyoni $5.5

Mu majambo aherutse gushikiriza, aravuga ingene yinjiye mu cumba c'umuyaya asinziriye.

Yagize ati: "Naramufukuye uburengeti...Hanyuma nkora ku gihimba kiri mu gahuzu ko munsi."

"Nagumye nkorako. Aravyuka nca ndasohoka."

Avuga ko yabwiye Padiri ko yasubiye mu cumba c'uwo mugore munyuma, agerageza kumusambanya ku nguvu.

Avuga ko uwo mupadiri yamusavye kuvuga "Dawe wa Twese gatanu, Mwaramutse Mariya gatanu, kubera ko uzoja mu muriro udahera."

Birakunda gushika mu gihugu ca Philippines ko imiryango yifise ikoresha abayaya canke abagore bafasha mu bikorwa vyo mu nzu muri Aziya no mu bihugu vyo mu buseruko bwa hagati.

Umuvugizi wa Bwana Duterte yavuze ko Perezida yashizemwo "akabirya" yongeramwo "ibirungo" mu nkuru yiwe ku munsi wa Gatandatu.

Madamu Gabriela avuga ko amajambo Perezida yashikirije yerekana ko yiyemereye ko yahohoteye uwo mugore.

Yagize ati: "Guhohotera si kwinjiza igitsina." "iyo ukoresheje urutoke canke ikindi kintu uba uhohoteye."

Ikigo kigwanira abagore "Coalition Against Trafficking in Women-Asia Pacific" cavuze ko amajambo ya Perezida ashira abakozi bo munzu mu kaga.

Umuyobozi nshingwabikorwa w'ico kigo Jean Enriquez yavuze ati: "Kuvuga ku mugaragaro inyifato nkiyo bigomorera abantu mu ngeso yo guhohotera abakozi bo mu nzu."

Ku bitigiri bitangwa na leta, abanye Philippines barenga umuliyoni bakora ubuzu bwo mu nzu mu mahanga.

Bwana Duterte yagiye anegugwa na Ekeleziya Gatolika yamuneguye kenshi ku bwicanyi bwabaye mu ngwano yo guhasha ibiyovyabwenge yahitanye abantu ibihumbi.

Si ubwa mbere Perezida Duterte ashigwa mu majwi

Mu ntango z'uno mwaka, yaravuzwe cane asomye ku munwa umunya Philippins akora hanze mu rubanza.

Ntibishobora gukina mu cuma cawe
Bwana Duterte yarashizwe mu majwi kenshi

Yabwiye abasirikare ba Philippines ko bakwiye kurasa mu gitsina inyeshamba z'abakobwa b'aba Komunista.

Ibindi bisa n’ibi