Abigaragamvya kubera amatora muri Kongo bazibiye amabarabara i Goma, i Beni na Butembo

Abapolisi ba Kongo bahanganye n'abiyerekana i Goma uno munsi itariki 28/12/2018 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abiyamiriza kubuzwa gutora kuwa Mungu bazibiye amabarabara i Goma, Beni na Butembo

Abari mu myiyerekano mu buseruko bwa Republika ya Demokrasi ya Kongo bazibiye amabarara mu miji imwe mu gihe hari ishavu ry'uko amatora yasibijwe muri ivyo bice.

Abari mu myiyerekano kubera kwankirwa gutora mu matora y'umukuru w'igihugu yo kuwa Mungu, bihaye amabarabarara i Goma, i Beni hamwe na Butembo.

Martin Fayulu, umwe mu bakomeye batavuga rumwe na leta, yagabishije ko aya matora ashobora gucika akajagari.

Yavuze ko kwimura amatora mu bice bimwe vya Kongo gushika mu kwezi kwa gatatu, ari ibintu vyagizwe nkana kugira bagabanye abamushigikiye.

Prezida Joseph Kabila vyitezwe ko ava ku butegetsi nyuma y'imyaka cumi n'indwi aburiko, ashimangira yuko amatora ariko aratunganywa neza.