Igisirikare ca Syria 'cinjiye mu gisagara ca Manbij' mu gihe Turkia iguma isemerera

A US-led coalition site on the outskirts of Manbij, 28 December Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Urunani rurongowe na Amerika mu rugamba rwo kugwanya Etat Islamique na rwo ruri i Manbij

Igisirikare ca Syria cinjiye mu gisagara ca Manbij kiri mu buraruko incuro ya mbere mu myaka itandatu, nk'uko bivugwa n'umuvugizi wa gisirikare.

Ariko urunani rurongowe na Amerika ruri muri ako karere ruvuga ko ata co rurabona cahindutse mu gisagara.

Abategetsi ba Amerika hamwe n'umugwi ukorera mu Bwongereza ukurikirana ibibera muri Syria bavuze ko ingabo za Syria zashizwe mu micungararo y'ico gisagara.

Abagwanyi b'aba Kurd bafashwe mu mugongo na Amerika basavye ingabo za Syria kubasubirira mu birindiro kubera ubwoba bw'uko Turkia ishobora kubatera.

Igihugu ca Turkia gifata umuhari w'aba Kurd YPG nk'umugwi w'iterabwoba.

Ivyo aba Kurd basavye reta ya Syria bije inyuma y'aho Amerika imenyeshereje giturumbuka ko abasirikare bayo bose bategerezwa kuva muri Syria.

Prezida Donald Trump yamenyesheje ivanwayo ry'abasirikare 2.000 mu ndwi iheze, avuga ko umuhari wa Etat Islamique watsinzwe.

Ariko ivyo ntibibonwa kumwe n'abo basangiye urugamba bavuga ko iyo ngingo ishobora gutuma uwo muhari usubira kwiyubaka bushasha.

Ababifisemwo uruhara babivugako iki?

Igisirikare ca Syria kivuga ko cadugije ibendera i Manbij. Mw'itangazo ku mboneshakure, umuvugizi Waco yavuze ko ingabo ari yo ziri "kugwanya iterabwoba no gutuza abavogereye igihugu cabo".

Ariko abategetsi ba Amerika babwiye Reuters ko batarahindura ibirindiro vyabo I Manbij kandi ko ibirenga mirongo ibiri bikihari.

Abategetsi bavuga ko babonye ingabo za Syria mu micungararo y'ico gisagara ariko ko batinjiye mu gisagara.

Urunani rurongowe na Amerika mu kugwanya umuhari wa Etat Islamique ruvuga ko inkuru z'uko igisirikare kiri muri ico gisagara cahindutse "atari yo".

Nura al-Hamed, icegera c'uwurongoye igisagara ca Manbij yabwiye AFP ko igisirikare ca Syria gishobora kwiyinjiza muri ico gisagara ariko ko kizoja aho urubibe rw'intambara ruri hagati y'abagwanyi bashigikiwe na Turkia.

Urunani rwa Amerika n'Ubufaransa muri ako karere ruracari mu birindiro rwarwo, kandi babandanya gukizura, nk'uko Hamed yabibwiye AFP.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abagwanyi bafashwe mu mugongo na Turkia bari mu micungararo ya Manbij

Uburusiya bufasha intambara prezida wa Syria Bashar al-Assad kuva mu 2015, bwavuze ko ishika ry'ingabo za reta muri ico gisagara bishobora "gufasha gusubiza ibintu mu buryo".

Umuvugizi w'Uburusiya Dmitry Peskov yavuze ati:"Ukwagura akarere kagenzurwa n'ingabo za reta … nta nkeka ko ari intambwe ikomeye."

Ibindi bisa n’ibi