Amatora yatanguye mu bwoba muri RD Congo

Composite of three candidates (L-R): Martin Fayulu, Emmanuel Shadary and Felix Tshisekedi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abakandida batavuga rumwe na reta Martin Fayulu (i bubamfu), Felix Tshisekedi (i buryo) bazohangana na Emmanuel Shadary (hagati), yahoze ari umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu

Amatora yaramaze kwungururizwa ku rindi sango mu kiringo kirenga imyaka ibiri yamaze gutangura mu gihugu kigira kabiri mu bunini muri Afrika.

Abantu bababa imiliyoni 40 ni bo biyandikishije gutora muri RD Congo, aho prezida ahari ubu Joseph Kabira - ari ku butegetsi kuva mu 2001 - atari mu bitoza.

Ariko ayo matora yaranzwe n'imidurumbanyo hamwe n'ukutumvikana bivuye ku ngingo yo kubuza abantu imiliyoni imwe n'ibihumbi amajana atatu kuja muri ayo matora.

Ku musi wa gatandatu, abakandida bahanganye muri ayo matora vyaranse ko bumvikana kw'itangazo ryofasha kugabanya imishamirano imbere y'uko amatora aba.

Amatora yatanguye isaha 05:00 (04:00 GMT) akaza kurangira isaha cumi n'imwe zo muri Congo.

Amatora abaye vyifashe gute?

Mu gihe vyose vyogenda neza ata ngorane n'imwe ibaye, buzoba bubaye ubwa mbere habaye ihererekanywa ry'ubutegetsi mu mahoro muri RD Congo kuva cikukiye kikava mu minwe y'Ububiligi mu 1960.

Prezida ahari ubu, Joseph Kabira, yasubiriye se wiwe Laurent yishwe mu 2001, ariko akaba atarekuriwe kwitoza hisunzwe ibwirizwa shingiro.

Yategerezwa kuba yaravuye ku butegetsi mu myaka ibiri iheze, ariko amatora yagiye arigizwa inyuma, kubera akanama kajejwe kuyategura kavuga ko kagikeneye umwanya wo kwandika abazotora.

Iyo ngingo yatumye haba imidurumbanyo, mu gihe abatavuga rumwe na reta bagiriza Joseph Kabira kugerageza kuguma ku butegetsi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ku musi wa gatandatu harabaye imisa yo gusaba ko amatora yoba mu mahoro i Kinshasa ku mugwa mukuru

Mu ndwi iheze, amatora yarigijwe inyuma kandi imisi indwi, kubera ingorane yo gukwiragiza ibikoresha mu bibanza vy'amatora.

Ibi vyose bikaba vyashitse inyuma y'aho ibihumbi n'ibihumbi vy'amamashini azokoreshwa mu gutora - akorshejwe incuro ya mbere muri ico gihugu - ahiriye ku mugwa mukuru i Kishasa.