Ibitero kuri internet vyagize ingaruka mu gusohora ibimenyeshamakuru vyinshi vyo muri Amerika

The Los Angeles Times building is seen on February 6, 2018 in Los Angeles, California Uwufise ububasha kw’isanamu David McNew/Getty
Image caption Ikinyamakuru ca Times cagizweko igitero ca internet ku wa gatanu

Ibinyamakuru vyinshi vyo muri Amerika vyaragize ingorane yo kubisohora no kubitanga ku wa gatandatu kubera ibitero vya internet nk'uko bimenyeshwa n'ibinyamakuru vyo muri Amerika.

Ivyo bitero vyari bitumbereye gutevya gukwiragiza ibinyamakuru vya The Los Angeles Times, Chicago Tribune, Baltimore Sun hamwe n'ibindi vyegukira Tribune Publishing.

Iyo kompanyi ivuga ko yabonye ubwa mbere ivyo bitero ku wa gatanu, vyagize ingaruka ku binyamakuru bisohorerwa hamwe.

Bizwi ko ico giter caje kiva hanze ya Amerika nk'uko bivugwa na LA Times.

West Coast editions ya Wall Street Journal hamwe na The New Times vyose bikorerwa hamwe i Los Angeles na vyo nyene vyagize ingorane.

Umuntu atashatse kumenyekana afise ico azi kuri ivyo bitero yabwiye LA Times ati:"Twemeza ko ico ivyo bitero vyari bitumbereye kwari uguhagarika ibikorwa, na cane cane ivyuma bibika amakuru, nta ho bisa bisana no kwiba inkuru."

Umuvugizi wa Tribune Publishing Marisa Kollias yemeje ivyo bintu mw'itangazo, avuga ko uwo mugera wabangamiye cane ivyuma vyo gusohora 'ibimenyeshamakuru muri kompanyi yacu'.

Kollas yavuze yavuze ati:"Isoko ryose ryo muri kompanyi ryagize ibibazo. " Ariko yanse gutanga ido n'ido y'inge ibintu bitagenze neza nk'uko bivugwa na LA Times.