Ikete rya Kim Jong-un risaba Korea y'epfo izindi nama nyinshi

Kim Jong-un and Moon Jae-in raise their hands triumphantly at a Korean summit Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abo bategetsi babiri bahuye incuro zitatu mu 2018, kabiri ku rubibe na rimwe i Pyongyang

Mw'ikete ridakunze kuboneka, umukuru wa Korea ya ruguru yiyemeje inama "z'urutavanako" na prezida wa Korea y'epfo Moon Jae-in mu 2019 kugira baganire ivyerekeye ibigwanisho ruhonyanganda.

Kim kandi yerekanye "akababaro" afise kuba atashoboye kugendera Seoul mu 2018.

Yari yemeye kugira urwo rugendo inyuma y'aho Moon agiriye i Pyongyang mu kwezi kw'icenda.

Mu rugendo rwiwe ku mugwa mukuru wa Korea ya ruguru, Moon yarashikirije ijambo avuga ko ivyo bihugu bibiri bikwiye "gusubira kuba kimwe" kandi.

N'aho mu buhinga ivyo bihugu bikiri mu ntambara, imigenderanire yariyongereye mu 2008 bikaba vyavuye ku bimenyetso bitari bike vya Kim vyo gusubiza hamwe.

Umuvugizi wa Moon ntiyavuze ingene iryo kete ryarungitswe, ariko akavuga ko ari iryo ubucuti kandi ko Kim yanditse "ashimitse cane kugendera Seoul mu gihe hoba hariko harihweza ibindi bizokurikira."

Kim Jong-un kandi yarabonanye na prezida wa Amerika Donald Trump - ubwa mbere umuprezida akiri ku butegetsi ahuye n'umukuru w'ico gihugu - ariko utwigoro two guteza imbere imigenderanire hagati y'ico gihugu na Amerika ntitwabandanije mu mezi make aheze.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty
Image caption President Trump met Mr Kim at a historic summit in Singapore

Amerika ivuga ko Korea ya ruguru idakora ibikenewe vyose mu guheba imigwanisho ruhonyanganda, mu gihe ico gihugu ciyamiriza ibihano vya Amerika bishasha bibangamiye ubutunzi bwaco vyanafatiwe na bamwe bamwe mubari muri reta.

Irutse iryo subira inyuma, iyindi nama hagati ya Trump na Kim ishobora kuba mu 2009.

Prezida wa Amerika yashimye ikite yandikiwe n'umukuru wa Korea ya ruguru mu kwezi kw'icenda, n'aho ata tariki yashinzwe y'igihe bazosubira kubonanira.