Abajejwe umutekano wo hagati mu Burusiya bafashe Umunyamerika bakeka gusuma urusaku

Abajejwe umutekano ba FSB mu gikorwa co gufata abajejwe iterabwoba i Moscow, itariki 13/12/2018 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Urwego FSB ruvuga ko uwafashwe ariko aragirwako itohoza n'ubugenzacaha

Urwego rujejwe umutekano wo hagati mu Burusiya ruzwi nka FSB, ruvuga ko rwafashe umunyagihugu wa Amerika akekwa gusuma urusaku i Moscow.

Mu rwandiko, ibiro vya FSB vyavuze ko uwo Munyamerika, bise Paul Whelan, yafashwe kuwa gatanu ariko arakora igikorwa co gusuma urusaku.

Urwo rwandiko kandi ruvuga ko hatangujwe igikorwa c'ubugenzacaha kuri uwo mugabo yafashwe.

Ifatwa ryiwe rije mu gihe hasanzwe hari uruhagarara hagati y'Uburusiya n'ibihugu vya Buraya na Amerika, ku vyagiriji vyo gusuma urusaku.

Mu ntango za kuno kwezi Umurusiyakazi, Maria Butina, yeremeye icaha co gusuma urusaku muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ku nyungu z'Uburusiya.

Ushobora kandi gusoma: