RFI irashigikiye umumenyeshamakuru wayo yirukanywe muri RD Congo

Rfi ivuga ko iradiyo yabo kuva ku wa mbere itumvikana neza Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Rfi ivuga ko iradiyo yabo kuva ku wa mbere itumvikana neza

Uwo mumenyeshamakuru wa RFI yatswe uburenganzira bwo gukorera muri RD Congo, abategetsi bamwagirije ko yavuze ivyavuye mu matora bidakurikije amategeko.

Rfi irahakana ivyo Florence Morice yagirizwa mw'itangazo yasohoye mu gitondo.

Rfi yarakurikiranye amatora, kandi irumvirizwa hirya no hino mu bihugu bivuga ururimi rw'igifaransa.

Ariko ivuga ko kuva ku wa mbere ku mugoroba iyo radio itasubiye kwumvikana neza.

Kuri uyu wa kabiri, ibihugu vya rutura harimwo ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya na Amerika, vyahamagariye abategetsi ba Congo ko boreka kuza barahagarika ibimenyeshamakuru.

Internet yarahagaritswe kuva ku wa mbere, abantu bakaba badashobora kurungika ubutumwa kuri telephone.

Amatora y'umukuru w'igihugu yabaye kuri uyu w'Imana, ubu bakaba bakibandanya guharura.

Umuhanuzi wa Perezida Kabila muvyo imigenderanire, Barnabe Kikaya Bi Karubi, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru rya AFP ko akanama k'igihugu kajejwe umutekano kafashe ingingo ko "ari ngombwa" guca intereneti kugira akanama kajejwe gutegura amatora kabanze gaheze guharura no kwegeranya amajwi.

Kuri uyu wa kabiri AFP yavuze iti:"Hari abantu bagenda barakwiragiza ibiharuro bitari vyo vyavuye muri ayo matora. Ibi vyatumye haba imigumuko."

Ivyavuye mu matora vyitezwe ko bija ahabona itariki 6 z'ukwezi kwa mbere.