Abitwaje ibigwanisho bishe abasivile 8 mu ntara ya Beni muri RD Congo

Akarere ka Beni kaguma kibasigwa n'ibitero vy'abagwanyi bo mu mugwi ADF uturuka mu gihugu ca Uganda Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Akarere ka Beni kaguma kibasigwa n'ibitero vy'abagwanyi bo mu mugwi ADF uturuka mu gihugu ca Uganda

Abitwaje ibigwanisho binjiye mu ntara ya Beni mu buseruko bwa Repubulika y'Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo) bishe abantu 8 b'abasivile.

Benshi mu baguye mw'ico gitero n'abo mu miryango y'abasirikare b'igihugu.

Ico gitero cagabwe muri komine ya Mavivi, mu buraruko bwa Beni, nkuko bivugwa n'umuvugizi wa gisirikare muri iyo ntara.

Igipolisi cari cavuze mu ntango ko hapfuye abantu 8, cavuze mu nyuma ko abapfuye bageze ku bantu 10.

Igisagara hamwe n'intara ya Beni biguma vyibasigwa n'ibitero vy'abagwanyi b'umugwi ADF uturuka mu gihugu c'Ubuganda.

Ico gisagara ca Beni, gisanzwe kivugwamwo indwara y'ikiza ca Ebola, kimaze guhitana abantu amajana.