Martin Fayulu yahakanye intsinzi ya Tshisekedi

Umugwizatunga Martin Fayulu igihe c'imyiyamamazo Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umugwizatunga Martin Fayulu igihe c'imyiyamamazo

Martin Fayulu yahakanye ivyavuye mu matora muri Congo vyashikirijwe n'akanama kajejwe amatora (CENI), biha intsinzi uwundi atavuga rumwe na leta, Félix Tshisekedi.

Yabwiye BBC ko ibitigiri vyashikirijwe ari "ubunyonyezi buteye isoni" n'"ubusuma bw'amatora".

Umukuru wa CENI Corneille Nangaa, mu gitondo ca kare co ku wa kane yavuze ko Tshisekedi yaronse ibice 38.57% vy'amajwi, aca atangazwa ko ari we yatsinze amatora.

Bwana Fayulu arahakana ivyo bitigiri ndetse agasaba abakurikiranye amatora barimwo urwego rwa Ekleziya Katolika gushikiriza ibitigiri vy'ukuri.

Ku bw'akanama kajejwe amatora, Félix Tshisekedi yaronse amajwi arenga imiliyoni 7, arusha Martin Fayulu yaronse amajwi imiliyoni 6.3.

Bwana Fayulu, umugwizatunga akomeye mu gisata c'ibitoro, avuga ko ibitigiri vyashikirijwe "ata na hamwe bisa n'ukuri".

Yabwiye BBC ati: "Abanyagihugu ba Congo ntibashobora kwemera ubusuma."

"Félix Tshisekedi nta majwi imiliyoni 7 yaronse. Yoyakura he?"

Igihugu c'Ubufaransa gisa naho kimushigikira.

Umushikiranganji w'imigenderanire n'amakungu Jean Yves Le Drian yabwiye CNews ati: "Dutegerezwa guhabwa umuco ku vyavuye mu matora, kuko ni igihushane c'ivyo twari twiteze."

Yavuze ko Ekleziya Katolika yarungitse abarorerezi 40000 mu matora, yashitse ku bitigiri "bitandukanye cane".

Uravye ingene amategeko atunganijwe, abakandida batanezerejwe n'ivyashikirijwe ko vyavuye mu matora, bafise ikiringo c'iminsi cumi ngo biture ubutungane.

Hagataho Ekleziya Katolika hamwe n'amashirahamwe ategamiye leta, basavye abanyagihugu kutemera ico cose cobakwegera mu ntureka.