Isakoshi y'uwahoze ari prezida wa Zimbabwe yuzuye amadolari ya Amerika yibwe

Robert Mugabe Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Robert Mugabe yakuwe ku butegetsi mu 2017

Abantu batatu bariko baraburanishwa muri sentare mu gihugu ca Zimbabwe, bagirizwa kwiba isakoshi yarimwo amadolari 150.000 y'uwahoze ari prezida w'ico gihugu Robert Mugabe.

Abo bagirizwa ubusuma bivugwa ko bakoresheje ayo mahera mu kugura imodoka, amazu n'ubworozi.

Incuti y'uwo yahora ari umukuru w'igihugu Constantia Mugabe ni we yagirizwa nk'uko inkuru zova mu binyakamuru vya reta bibivuga.

Bivugwa ko uwo mupfasoni afise imfunguruzo z'inzu yo hagati mu gihugu ya Mugabe iri mu karere ka Zvimba hagufi y'umugwa mukuru Harare, akaba ari yafashije abo bandi kwinjira muri iyo no gushika ahabitswe iyo sakoshi.

Abo bakekwako icaha bandi bari bahawe akazi ko gukubura no gukoropa muri iyo nzu igihe haba ubwo busuma umusi umwe hagati y'itariki imwe z'ukwezi kwa cumi na kabiri n'intango y'ukwa mbere.

Umushikirizamanza Teveraishe Zinyemba yabwiye sentare yo mu karere ka Chinhoyi ati:"Johanne Mapurisa yaguze imodoka yo mu bwoko bwa Toyota Camry ... n'inzu y'amadolari 20.000 inyuma y'ubwo busuma.

"Saymore Nhetekwa yaguze imodoka yo mu bwoko bwa Honda ... agira n'ubworozi harimwo ubwo ingurube n'inka atawuramenya amahera biciye."

Mubage ubu afise imyaka 94 yakuwe ku butegetsi n'igisirikare muri Zimbabwe mu 2017.

Gushika avanwe ku butegetsi, yari abumazeko imyaka 37, ubwa mbere nk'umushikiranganji wa mbere hanyuma nka prezida w'ico gihugu.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Mu 2016 Zimbabwe yatanguye gukoresha inoti zifise agaciro zifise agaciro kamwe n'idolari

Yagirizwa kuba yikubiyeko ubutunzi mu gihe ubutunzi bw'ico gihugu bwariko buraja aharindimuka.

Kuva avuye ku butegetsi Mugabe afise ibibazo vyo gutambuka akaba yaramaze amezi menshi ari kwivuza mu gihugu ca Singapuru.

Ntibiramenyekana nimba yari muhira igihe ubwo busuma bwaba.

Abagirizwa barekuwe barinze gutangwa ingwati.

Itororokanirizo ry'amakuru rya AFP rivuga ko hari uwundi muntu agira kane akironderwa n'igipolisi.

Ibindi bisa n’ibi