Ramaphosa ariyamiriza yivuye inyuma ihohoterwa rikorerwa abapfasoni muri Afrika y'epfo

Prezida wa Afrika y'epfo Cyril Ramaphosa Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida wa Afrika y'epfo Cyril Ramaphosa

Prezida wa Afrika y'epfo Cyril Ramaphosa yahamagariye abagabo bose kugira urunani mu kwiyamiriza ifatwa ku nguvu n'ihohoterwa rikorerwa abapfasoni avuga ko, mu majambo yiwe, ari "ikibazo c'igihugu cose".

Cyril Ramaphosa igihe yariko aratanguza igikorwa co gutora mu mugambwe wiwe wa ANC, asanzwe ari mu bawurongoye, yavuze ko abapfasoni bafatwa ku nguvu bakongera bakicwa, ko rero hageze ko iryo hohoterwa rihagarara.

Ramaphosa yavuze ati:"Twarateye imbere biboneka mu guha agaciro ubuzima bw'abapfasoni... ariko ihohoterwa rishimikiye ku gitsina n'ikibazo c'igihugu, kandi twiyemeje kugitorera inyishu."

Yatanze zimwe mu ngingo zofatwa mu kugwanya iryo hohoterwa rifatiye ku gitsina, nko gushiraho ibihano ruhasha.

Mu kwezi kwa gatatu mu 2018, igipolisi cari kimaze kuronka abantu 40.035 bacitura ko bafashwe ku nguvu mu kiringo c'amezi 12, nk'uko bivugwa n'ishirahamwe ryigenga Afrika Check.

Ugereranije no mu mwaka uheze, hiyongereyeko bake, aho mu gihugu cose hari haharuwe abashika 39.828.

Abantu benshi bavuga ko uko abapfasoni bahohoterwa muri Afrika y'epfo, ibiharuro birenga ivyo na kure.

Ibindi bisa n’ibi