Ishirahamwe SADC rirashigikiye ko amajwi asubira guharurwa muri Kongo

RDC Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Prezida wa Zambia Edgar Lungu, ni we ubu arongoye ishirahamwe SADC

Ishirahamwe ry'iterambere ry'ibihugu vyo mu bumanuko bwa Afrika (SADC) ryasavye ko hosubira guharurwa amajwi muri Republika ya Demokrasi ya Kongo mu gucuresha imishamirano ituruka ku vyavuye mu matora ya prezida.

Iryo shirahamwe ryo mu karere ririmwo n'igihugu ca Republika ya Demokrasi ya Kongo ryahamagariye abategetsi b'ico gihugu gushiraho reta ihurikiyemwo bose inyuma y'aho hiyamirijwe ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu.

SADC ivuga ko ishigikiye ko amajwi asubira guharurwa mu gihe hari igice c'abatavuga rumwe na reta batemera ivyavuye mu matora.

Ku musi w'Imana, prezida wa Zambia Edgar Lungu, ari na we arongoye ishirahamwe SADC muri kino gihe, yahamagariye abategetsi ba Kongo "kurondera umwumvikano wa politike uciye mu biganiro kugira hajeho reta y'ubumwe."

Mw'itangazo yashize ahabona, Prezida Edgar Lungu yavuze ko umwumvikano nk'uwo wofasha gutorera inyishu " ikibazo c'abiyamirije ibiharuro mfatakibanza vy' ivyavuye mu matora."

"SADC yarafashe nka nkama amakenga ku biharuro mfatakibanza vy'ivyavuye mu matora" yashikirijwe n'ishengero Katolika canke n'abashigikiye Fayulu, kandi ko " ugusubiramwo guharura amajwi vyomara amazinda abatsinze n'abatsinzwe."

Iryo tangazo rirangira rivuga "birakenewe ko muri iki gihe kidasanzwe abategetsi ba Republika ya Demokrasi ya Kongo biyemeza kwongereza imishamirano."

Mu buryo butari bwitezwe n'indorerezi nyisnhi, akanama kajejwe gutunganya amatora muri Kongo (CENI) katangaje mw'ijoro ryo ku wa gatatu rishira ku wa kane intsinzi y'uwutavuga rumwe na reta Felix Tshisekedi, akaba yarushije Martin Fayulu hamwe n'umukandida yari ashigikiwe na Joseph Kabila, Emmanuel Shadary.

Ntibishobora gukina mu cuma cawe
Hamwe Felix Tshisekedi yokwemezwa burundu ko ariwe yatsinze, bwoba bubaye

Mu gihe abashigikiye reta - mu gihe bari bamaze kuvuga ko batsinze - ata co bashatse kuvuga kuri ivyo biharuro, uwutavuga rumwe na reta Martin Fayulu yaciye ubwo nyene avyiyamiriza anatanga n'ikirego muri sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro.

Ceni kandi yatangaje ko abashigikiye prezida Kabila ari bo batsindiye intebe nyinshi mu nama nshingamateka; bisigura ko mu butegetsi bushasha hazoba harimwo abo kwa Kabila.