Ingwano hagati y'inyeshamba yahitanye abarenga 60 muri Tchad

Inyeshamba zo mu mugwi CCMSR zemeza ko inteko za leta zafashije abagwanyi bo mu mugwi MJE Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Inyeshamba zo mu mugwi CCMSR zemeza ko inteko za leta zafashije abagwanyi bo mu mugwi MJE

Nimiburiburi abantu 60 bapfuye mu ngwano yabereye mu buraruko bw'igihugu ca Tchad.

Ayo makimbirane hagati y'inyeshamba zo mu gihugu ca Tchad n'izo muri Sudani yabereye mu karere kagwiriyemwo inzahabu ka Kouri Bougoudi, mu buraruko bwa Tchad, nkuko vyashikirijwe n'abajejwe umutekano.

Iyo migwi ibiri igwanisha inkoho ni uwitwa "Conseil de commandement militaire pour le salut de la République" (CCMSR), umugwi w'inyeshamba zo mu gihugu ca Tchad hamwe n'uwitwa "Mouvement pour la Justice et l'Egalité" (MJE), umugwi w'inyeshamba zituruka muri Sudani zishigikiwe n'ubutegetsi bwa Tchad.

Mu makuru afise amamuko atandukanye, bivugwa ko umurongo w'imodoka mirongo za MJE zaje ku munsi wa Gatandatu zizananye mu bumanuko bw'igihugu ca Libiya, zihurira mu nzira n'iz'umugwi wa CCMSR.

Umuyobozi mwishikira wa CCMSR, Cheikh Tahir yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ati: "Abagwanyi ba MJE nibo bateye ibirindiro vyacu i Kouri Bougoudi natwe turabasubiza."

Amakuru ava mu bajejwe umutekano bo mu gihugu ca Tchad avuga ko abagwanyi ba MJE bivunye bitewe n'igitero bigeze kugabwako n'abagwanyi b'uwo mugwi mu kwezi kwa 12 i Kouri Bougoudi.

Abagwanyi ba CCMSR bemeza ko inteko z'igihugu ca Tchad zafashije umugwi MJE, mu mishamirano yo ku munsi wa Gatandatu.

Igisirikare ca Tchad, co kivuga ko "ata cabaye" i Kouri Bougoudi.

Mu kiganiro yagiranye na BBC, Mahamat Ali, arongoye umugwi w'inyeshamba uharanira iterambere na demokarasi, yemeza ko iyo migwano yahitanye abantu 67, abandi benshi barakomereka ku ruhande rw'inyeshamba zavuye muri Sudani.

Abandanya avuga ko abantu 3 aribo bapfuye, 12 barakomereka mu mugwi w'inyeshamba zo mu gihugu ca Tchad.

Ibindi bisa n’ibi