Hari infungurwa zokingira amagara yacu n'isi kandi tugakwirwa?

Food market Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Hari ubwoko bw'infungura bushobora gukingira ubuzima, bugakwira miriyaridi icumi z'abantu kandi bitononye isi, n'ibidukikije.

Abashakashatsi bariko barondera kumenya uko abantu bakomeza kurwira kw'isi bohazwa muri kazoza.

Inyishu batoye n'infungurwa zitononera ibidukikije - kandi zitabuza burundu gufungura ibikomoka ku bikoko.

Ariko rero bidusaba guhindura cane ivyo dushira ku masahani yacu, tukihereza ivyo tutahora dufata kenshi.

None binsaba guhindura iki?

Nimba ufungura inyama iminsi yose, iyi niyo ntango nyamukuru.

Ku nyama zitukura, ntiworenza agace kamwe ka 100-150 g ku ndwi, canke umusoso munini rimwe mu kwezi, ugahagarikira aho.

Ushobora kwongera uduce tubiri tw'ifi n'utundi tw'inkoko nk'utwo nyene ku ndwi, ariko ahandi ugafungura indemamubiri zivuye mu biterwa.

Abashakashatsi bavuga ko umuntu ashobora kuzikura nko mu biharage, ubushaza n'ibindi biteye kumwe, ashobora gufungura buri munsi.

Hari kandi kwihatira ku vyamwa n'imboga cane, aho dukwiye kugeza n'imiburiburi ku bice 50% vy'infungurwa twihereza buri munsi.

Hari vyinshi dushobora guhitamwo mu biterwa mbumbarugo, nk'ibiraya n'imyumbati bifungurwa cane muri Afrika.

None iyo ngaburo igizwe n'iki?

Uvyihaye vyose, ibi nivyo wemerewe gufungura buri munsi:

  1. Ibiyoba- 50g ku munsi
  2. Ibiharage, ubushaza, inkore n'imboga - 75g ku munsi
  3. Ifi - 28g ku munsi
  4. Amagi- 13g ku munsi (rimwe n'agace mu ndwi)
  5. Inyama - 14g ku munsi z'inyama zitukura , na 29g z'inkoko ku munsi
  6. Imbumbarugo- umukate canke umuceri 232g ku munsi na 50g z'ibindi biterwa bitemba ifu ku munsi
  7. Amata- 250g - nk'ikirahuri kimwe ku munsi
  8. Imboga -(300g) n'ivyamwa (200g)

Kumwe n'ivyo ushobora gufungura 31g z'isukari hamwe na 50g z'amavuta.

Ivyo uhitamwo gufungura bigira ingaruka zihe ku bidukikije?

Nturire bitewe n'uko udashobora gukina uyu mukino wacu.
Vugurura uburyo ukoresha mu kuja kuri internet ugerageze!

Bizoba bibishe?

Umwigisha muri kaminuza ya Harvard, umwe mu bakoze ubwo bushakashatsi, avuga ko bitabishe, kandi n'ubwo yakuriye mu borozi, afungura ibice bitatu vy'inyama buri munsi, nawe ngo yasanze izo nfungurwa zitamurwa nabi

Avuga ko hari ibintu vyinshi vyo guhitamwo, ati "ushobora gushira hamwe ivyo bifungurwa, ugategura ubwoko bw'amasahani buharurwa mu bihumbi".

Ati: "aha ntituriko tuvuga ngo abantu bokwipfunga infungurwa, ahubwo ni ingaburo nziza kandi iryoshe"

Uwufise ububasha kw’isanamu Molly Katzen
Image caption Izi ni zimwe ushobora gutegura mu bwoko bw'izo nfungurwa zitonona ibidukikije

Ibi ni vyo koko, canke n'ibitebu?

Uyu mugambi usaba ko abantu bahindura uko banfungura mu mpande zose z'isi.

Mu migabane ya Bulaya na Amerika, bakeneye kugabanya inyama zitukura, naho mu buseruko bwa Aziya bagabanye amafi, Afrika nayo ibitegwa mbumbarugo.

"Kuva umuntu yakabaho, ntivyari bwakenerwe ko ahindura uburyo bwo gufungura kuri uru rugero kandi vuba nk'uku" , ivyo bivugwa na Line Gordon, umuyobozi w'ikigo 'Resilience' ca kaminuza y'i Stockholm

Agira ati: "n'aho vyoba ari ivyiyumviro vy'abantu gusa, ivyiyumviro ntibitegerezwa kuba bibi, ...harageze ko turota ivyiza kuri kazoza k'isi".

Amakori ku nyama zitukura yoba imwe mu ngingo zofatwa mu kugondoza abantu guhindura ingendo mu kwihereza ibifungurwa bitononera ibidukikije.

Ni nde yabitanguye?

Umugwi w'abashakashatsi 37 bo hirya no hino kw'isi, bashizwe hamwe mu mugambi EAT, ujejwe kwihweza ikoreshwa ry'ibifungurwa kw'isi, wifatanije n'ikinyamakuru candika ku magara y'abantu, 'The Lancet', batanguye kumurika uburyo basanze isi yoguma igaburira abantu bayo muri kazoza nko kugera mu 2050, ariko itarinze kwononekara.

Hari abahinga bo mu bisata bitandukanye, barimwo abazi ivyo uburimyi, ihindagurika ry'ibihe ndetse n'infungurwa.

Abo bahinga vyabafashe imyaka ibiri kugirango bashobore gutunganya icegeranyo catangajwe biciye mu kinyamakuru 'The Lancet'

Kuki dukeneye kuraba ivyo dufungura mu gihe tuzoba dukwiye miriyaridi icumi?

N'uko mw'isi twakwiye igitigiri ca miliyaridi 7.7 kuva mu 2011 , ico gitigiri kikaba citezwe gukwira miriyaridi 10 mu 2050 kandi kizokomeza kuduga.

None bizofasha kurokora ubuzima bw'abantu?

Abashakashatsi bavuga ko ubwo buryo bwo gufungura buzotuma abantu baharurwa muri miliyoni 11 bapfa buri mwaka bazize gufungura nabi, barokoka.

Ico gitigiri gihuye no kwirinda ingwara zifatiye ku gufungura nabi nk'umutima, kanseri n'izifatira mu bwonko zitumwe no kuziba kw'imirindi y'amaraso.

Izo ngwara ziragwiriye cane mu bihugu biteye imbere kino gihe.

Ibibazo biterwa n'uburimyi n'ubworozi bigejeje hehe isi?

Ikoreshwa ry'ubutaka no guhonya amashamba birekura nka kimwe ca kane c'imyuka yonona igisenge gikingira isi.

Iyo myuka ingana n'iyiva mw'ikoreshwa ry'umuyagankuba, canke uruta kure uwurekurwa n'ivyiyunguruza bikoresheje ibitoro, nk'indege, gali ya moshi, n'indege zose zo mw'isi.

Witegereje neza ingaruka z'uburimyi n'ubworozi ku bidukikije, ushobora kubona uko inyama n'ivyamuka ku bitungwa ari vyo bifungurwa biteza ingirone ibidukikije.

Kw'isi yose, ibitungwa birungika hagati y'ibice 14.5 na 18% vy'imyuka yonona igisenge gikingira isi, ituruka ku bikorwa vy'abantu.

Ariko umuntu aravye iyindi myuka yonona igisenge c'isi, uburimyi nibwo buza imbere mu bituma imyuka bita 'Methane' na 'dioxyde d'azote' iduga mu kirere.

Ururimyi n'ubworozi kandi nibwo butuma umyotsi bita 'ammoniac' ikwiragira mu kirere, igatuma habaho udukungugu duto duto, ishirahamwe ryitaho amagara y'abantu OMS rivuga ko tubangamira ubuzima bw'abantu kw'isi.

No ku mazi niko kw'uko, uburimyi n'ubworozi biri mu biyabangamiye, aho ibice birenga 70% vy'amazi yose isi ifise, akoreshwa mu kuvomera imirima n'ibitungwa.

None izo nfungurwa nshasha zizotuma kwononera ibidukikije bihagarara?

Intumbero ya mbere kuri ubu bushakashatsi n'ukugaburira abantu mu gihe:

  • imyuka yonona igisenge idakomeza kwiyongera
  • ibinyabuzima bidakomeza guhona
  • isi ndimwa itarinze kwongerwa, kandi
  • bigashoboka kuziganya amazi

N'aho biri uko, guhindura uko dufungura vyonyene ntibikwiye na gato.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ibifungurwa bitabwa bikwiye kugabanuka ko ibice 50%

Mu kwongereza amahirwe hojamwo no kugabanya isesagurwa ry'ibifungurwa gushika ku bice 50%, hamwe no kwongereza umwimbu.

Kuki none batabuza kurya inyama?

Porofeseri Willet agira ati: "iyo biba kugabanya imyuka yonona igisenge c'isi, twari kubwira abantu bose kudasubira kurya ibikomoka ku bitungwa".

Mugabo rero ngo ntibisobanutse neza nimba ingaburo igizwe n'ibiva mu bitegwa gusa ata kindi, yoba ari nziza.

None hazoheza hakorwe iki?

Urunani rw'abahinga b'imigwi ya EAT na Lancet bagiye gushikiriza ivyo bakuye mu bushakashatsi bwabo ku ma leta yo kw'isi hose, no ku bindi bigo nka OMS , kugira barabe ko bishobora gutuma inyifato yacu ihinduka mu bijanye no gufungura.