'Abimukira 170 bapfiriye mu mato abiri ashaje muri Méditerranée'

Abimukira bashitse mu gihugu ca Espagne Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abimukira barenga 4200 nibo bavugwa ko bagiye i Buraya mu minsi 16 ya mbere yo mu 2019

Ikigo ca ONU citaho impunzi HCR cavuze ko abimukira 170 bapfiriye mu mato abiri ashaje mu kiyaga ca Méditerranée.

Igisirikare co mu mazi c'Ubutaliyano kivuga ko hari ubwato butwaye abantu 117 bwibiye ku nkengera za Libiya, mu gihe ubutegetsi bwa Maroc na Espagne bwariko burondera ubwato bwabuzwe irengero mu burengero bwa Méditerranée.

Ico kigo ca ONU citaho impunzi nticashoboye guhinyuza ico gitigiri c'abapfuye.

Abantu barenga 2200 nibo batakaje ubuzima bagerageza kujabuka Méditerranée mu 2018.

Mw'itangazo umukuru wa HCR Filippo Grandi yarungitse yagize ati: "Ntidushobora guhumiriza twumvise abantu benshi bapfa bagira binjire i Buraya."

"Nta nguvu zikwiye kugabanywa mu kurondera kugarukira ku buzima bw'abantu bubangamiwe mu kiyaga."

Bivugwa ko ubwato bwa mbere bwabuzwe irengero butwaye abantu 53 mu kiyaga ca Alborán mu burengero bwa Méditerranée.

Uwarokotse yamaze amasaha 24 kuri ico kiyaga ariko aravurigwa mu gihugu ca Maroc.

Abantu bamaze iminsi myinshi barondera ubwo bwato ariko ntibarabutora.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption HCR ivuga ko hari ibihugu bibuza abagiraneza kuja gutabara abo bimukira

Ubwato bwa kabiri bwavuye mu gihugu ca Libiya ku munsi wa Gatandatu, nkuko bivugwa n'ikigo kijejwe abimukira "International Organisation for Migration" (IOM).

Umuvugizi waco Flavio Di Giacomo yavuze ko abantu batatu barokotse bababwiye ko abimukira 120 aribo bari muri ubwo bwato igihe buva ahitwa Garabulli muri Libiya.

Ibindi bisa n’ibi