Umuririmvyi Oliver Mtukudzi yashengeye ageze ku myaka 66

Oliver Mtukudzi yashengeye ageze ku myaka 66 Uwufise ububasha kw’isanamu Mzilikazi wa Afrika
Image caption Oliver Mtukudzi yashengeye ageze ku myaka 66

Umuririmvyi akomeye wo mu gihugu ca Zimbabwe Oliver Mtukuzi yashengeye uno munsi ku muhingamo mu bitaro vy'i Harare ku myaka 66.

Mtukudzi asezeye isi yaramaze igihe kirekire agwaye, akaba yagiye arasivya ibiteramo vyinshi kw'isi ku gukikwa n'amagara.

Umuzika wiwe wa "afro-jazz" waranyegeteye imigabane, utuma agira abantu benshi cane bamukunda kw'isi.

Uwo mucuraranzi w'impano yasohoye alubumu zirenga 60 zirimwo indirimbo yakunzwe cane - Todii - isigura ingene ikiza ca Sida catemye kigatongora kw'isi.

Yamenyekanye cane imbere y'ukwikukira kwa Zimbabwe mu 1980 igihe yifadikanya n'abagwana ari kumwe n'umuririmvyi Thomas Mapfumo, batanga umudiho wo kwibohoza ku ntwaro ya Ian Smith.

Mtukudzi yakoreye mu gisata c'umuzika imyaka 40, atunganya alubumu 67.

Alubumu yiwe ya nyuma yerekana ingorane za politike n'imibano ziri mu gihugu ca Zimbabwe.

Inyuma yaho bimenyekaniye ko yashengeye, abantu benshi bamuhaye icubahiro ca nyuma ku mbuga hwaniro:

Ibindi bisa n’ibi