Félix Tshisekedi yashikirijwe amabanga yo kuyobora igihugu ca Congo

Umukuru w'igihugu mushasha Félix Tshisekedi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Félix Tshisekedi agiye kuramutswa igihugu ca Congo ni umuhungu w'umunyapolitike yashengeye atavuga rumwe n'ubutegetsi, Etienne Tshisekedi

Umukuru w'igihugu mushasha wa Congo, Félix Tshisekedi yashikirijwe ku mugaragaro amabanga yo kuyobora igihugu ca Repubulika y'Intwaro rusangi ya Congo, mu birori vyo kurahizwa vyabereye ku mugwa mukuru Kinshasa.

Mw'ijambo yashikirije ahejeje kurahira Perezida mushasha Félix Tshisekedi, yavuze ko agiye gusangiza ubutegetsi abo bahiganwa Martin Fayulu na Emmanuel Shadari.

Bwana Tshisekedi yashikirije ijambo imbere y'umukuru w'igihugu ca Kenya n'abandi baserukiye ibihugu vyabo, yavuze ko agiye gukora ngo azamure ubuzima bw'abanyagihugu, yongere abanywanishe.

Mu makuru aturuka mu binyamakuru vya Congo, abakuru b'ibihugu 17 nibo bari batumiwe, ariko bashima kurungika ababaserukira.

Akanama kajejwe amatora mu gihugu kamenyesheje ko Félix Tshisekedi ariwe yarushije amajwi abo bahiganwa mu matora, Martin Fayulu nawe nyene atavuga rumwe n'ubutegetsi hamwe na Emmanuel Shadari wo mu runani rwegereye ubutegetsi.

Perezida Joseph Kabila agiye gutanga ubutegetsi, yarakeje umukuru w'igihugu mushasha Félix Tshisekedi avuga ko amushikiriza ubutegetsi ata gahigihigi.

Abategetsi bo mu karere hamwe n'amakungu barakeje intsinzi ya Félix Tshisekedi, itumvikanyweko na bose mu gihugu ca Congo.

Umuryango w'Ubumwe bwa Afrika wavuze ko ufise "impungenge zikomeye" ku vyavuye mu matora, mu gihe umukandida w'ijunja bahiganwa Martin Fayulu yemeza ko ariwe yatsinze.

Mu nyuma uwo muryango co kimwe n'igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika barakeje Félix Tshisekedi.

Nguku uko abategetsi ba Congo bagiye babisikana kuva ku mukuru w'igihugu wa mbere Joseph Kasavubu

Image caption Ingene abakuru b'igihugu babisikanye kuva ku mukuru w'igihugu wa mbere Joseph Kasavubu

Félix Tshisekedi asubiriye ku butegetsi Joseph Kabila yaramaze imyaka 18 atwara inyuma yaho se, Laurent-Désiré Kabila yiciwe n'uwamucungera ubuzima.

Se wiwe Kabila yari yatembagaje ubutegetsi bwa Maréchal Joseph-Désiré Mobutu mu 1997, mu gihe uno nawe yari yakuye ahiritse ubutegetsi, umukuru w'igihugu wa mbere Joseph Kasavubu.

Ibisikanya ry'uno munsi naho ribaye mu mahoro, intsinzi ya Félix Tshisekedi ntiyemewe na bose, ndetse uwo bahiganwa w'ijunja Martin Fayulu akaba yavuze ko ari "ihirika ry'amatora", ko ariwe umukuru w'igihugu w'ukuri. Amajwi yemera ayagabangana mu buryo bukurikira:

Ekleziya Gatolika yarungitse abantu 40000 gukurikirana amatora mu gihugu cose, yavuze ko izi uwatsinze amatora naho itashatse kumudomako urutoke.

Umukuru w'igihugu mushasha yemeye ariko ko agiye gusangiza ubutegetsi n'abo bariko barahiganwa.