I Paris harabera urubanza Prezida Nkurunziza aregamwo abamutyoza barimwo France 3

Prezida Pierre Nkurunziza aho yakira umuhuza Benjamin Mkapa i Bujumbura itariki 09/12/2016 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Prezida Nkurunziza yitwariye abamwegetseko ubwicanyi butabereye mu Burundi

Mu Bufaransa uno munsi niho hatangura kwumvirizwa urubanza Prezida w'u Burundi Pierre Nkunziza aregamwo igitangazamakuru France 3 hamwe n'abandi kumutyoza.

Abandi baregwa muri uru rubanza ni umunyamategeko w'umubirigi, Bernard Maingain, hamwe n'umwanditsi w'umurundi, David Gakunzi.

Abo uko ari batatu Prezida Nkurunziza yabitwariye muri sentare kubera amasanamu yaciye kuri television France 3 mu 2016.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Bikiba France 3 yaremeye ko yagize amakosa irasaba ikigongwe

Ayo masanamu yerekana umugwi w'abarwanyi uriko uragandagura urw'agashinyaguro abantu batazwi, iyo television ikavuga ko vyariko birabera mu Burundi muri rumwe mu ngo za Pierre Nkurunziza.

Mu nyuma vyaje kumenyekana ko ururimi abo bicanyi bariko baravuga atari ikirundi, ahubwo ko cari igihausa kivugwa mu karere k'uburengero bwa Afrika hako hobaye mu Burundi.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umunyamategeko Bernard Maingain aregwa guha France 3 amasanamu yakoreshejwe

Umunyamategeko w'umubirigi Bernard Maingain muri uru rubanza aregwa kuba ari we yahaye ayo masanamu televison ya France 3, nayo umwanditsi David Gakunzi akagirizwa kuba yaremanze ibivugwa nk'umutumire w'iyo television.

Gusaba ikigongwe

Bikiba, televison France 3 yaremeye ko yihenze ica isohora ubutumwa bwo gusaba ikigongwe yemera ko amasanamu yakoresheje atari ayo mu Burundi.

Nayo umunyamategeko Bernard Maingain we yavuze ko ayo masanamu ahubwo ngo yariko arakoreshwa mu nyigisho zahabwa Imbonerakure mu Burundi, ngo ayahabwa n'umwe mu bari mu nzego z'umutekano mu Burundi.

Uwufise ububasha kw’isanamu David Gakunzi Facebook
Image caption Umwanditsi David Gakunzi yagirizwa kwemanga ivyavuzwe na France 3 aho yari umutumire wayo

Umwanditsi David Gakunzi we yemanga ko leta y'u Burundi irongowe na Prezida Nkurunziza ihohotera abatavuga rumwe nayo, akaba yitwara muri sentare kugira ababuze gushira ahabona amakosa yayo.

Leta y'u Burundi ariko yamye yemanga ko ata banyagihugu bahohoterwa, kandi ko abakora amakosa nk'ayo bahanwa n'amategeko.

Uno minsi ni uwa mbere w'uru rubanza rushobora kumara igihe kirekire, BBC ikaba yarungitse i Paris umunyamakuru wayo, tukazobashikiriza uko bizoja birangenda.