Umugore yakomowe n'inzoka ariko aritabara muri Australia

Umuhinga mu vyo gufata inzoka akura iyo nzoka muri twalete Uwufise ububasha kw’isanamu JASMINE ZELENY
Image caption Umuhinga mu vyo gufata inzoka niwe yahamagawe ngo akureyo iyo nzoka y'imetero imwe n'inusu

Umugore wo mu gihugu ca Australia "yarasimvye ava aho yicaye" yariko arituma inyuma yaho akomorewe n'inzoka iri muri twalete, nkuko bivugwa n'umuhinga mu vyo gufata inzoka.

Helen Richards w'imyaka 59, yakomowe n'iyo nzoka ata bumara isanganywe mu mwiza mu nzu y'umubanyi iri i Brisbane ku munsi wa Kabiri.

Yarakomeretse gato inyuma yaho akomorewe n'iyo nzoka ifise ibara ry'umukeka wo mu nzu.

Umuhinga afata inzoka Jasmine Zeleny, yakuyeyo iyo nzoka, yavuze ko ari ibintu bisanzwe gusanga inzoka muri twalete zirondera amazi cane cane mu bihe bishushe.

Madamu Richards yabwiye ikigo c'itangazamakuru co muri ako karere ko yumvise "ikintu kimuzibuye".

Yabwiye ikinyamakuru The Courier Mail ati: "Naratarutse ntadugije ipantalo hanyuma nja kuraba ico kintu nabona gisa n'ikinyamasyo c'izosi rirerire gishaka kuva muri iyo nkono y'amazi."

Uwufise ububasha kw’isanamu JASMINE ZELENY
Image caption Iyo nzoka yariko irondera amazi, nkuko Jasmine Zeleny avuga

Madamu Zeleny yavuze ko Madamu Richards yavuye aho hantu yakomowe n'inzoka n'umuti wo kwica imikorobo (antiseptique), avuga kw'iyo nzoka isa n'iyitaryana.

Izo nzoka zo mu bwoko bw'isato bita "Carpet pythons" mu kuba zisa n'umukeka ziba ku nkengera zo mu buseruko bwa Australia.

Nta bumara zifise ariko bisabwa ko umuntu ategwa umuti wa "tétanos" igihe zigukomoye.

Muri kino gihe igihugu ca Australia kirimwo ubushuhe bwinshi, henshi ibipimo bikaba bitari bwashikweko.

Ibikoko vyinshi vyo mw'ishamba vyarahagiriye ingorane, bimwe birapfa birimwo ifarasi, uduhungarema hamwe n'ifi.