Ibinuganugwa mu mupira w'amaguru ku bakinyi n'abandi ku wa Gatanu

Barcelone iriko ihiga umukinyi wo hagati wa Manchester United Juan Mata Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Barcelone iriko ihiga umukinyi wo hagati wa Manchester United Juan Mata

Barcelona iriko ibonana n'umukinyi wo hagati wa Manchester United Juan Mata, uwo mukinyi w'imyaka 30 akaba azorangiza amasezerano mu ci riza. (Goal)

Manchester City yipfuza guha akazi umukinyi w'inyuma wa Ajax na Hollande, Matthijs de Ligt w'imyaka 19, bisigura ko umukinyi w'inyuma hagati wa Argentine, Nicolas Otamendi w'imyaka 30, ashobora kuja muri Barcelona. (Sun)

Manchester United yipfuza kugena umuyobozi w'inkino wa Atletico Madrid, Andrea Berta ariko uwo mugwi wo muri Espagne ukaba wahaye amasezerano y'amahera menshi uwo mutaliyano w'imyaka 47. (Mirror)

Monaco yemeye kugarukana umumenyereza wa kera Leonardo Jardim gusubirira Thierry Henry, inyuma y'amezi atatu yirukanywe. (L'Equipe - in French)

Umuyobozi ajejwe umupira w'amaguru muri AS Roma, Monchi agiye kuja mu mugwi wa Arsenal kuba umuyobozi w'ivy'ubuhinga mu gihe yakoranye n'umumenyereza w'aba Gunners Unai Emery mu mugwi wa Séville. (Mirror)

Umukinyi w'inyuma wa Lazio n'Ububiligi w'imyaka 24, Jordan Lukaku avukana na Romelu akina muri Manchester United, yegereje kuja gukina muri Newcastle United ku mugopo. (Chronicle Live)

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umunyezamu wa Bournemouth Asmir Begovic

Umunyezamu wa Bournemouth aturuka muri Bosnie, Asmir Begovic w'imyaka 31, yiteguye kuvugana n'imigwi ya Premier League yoba imurondera. (Sun)

Umukinyi w'imbere wa West Ham na Autriche, Marko Arnautovic yagarutse mu myimenyerezo mu gihe aba Hammers n'uwo mukinyi w'imyaka 29 bashobora gukina na AFC Wimbledon mu gikombe ca FA Cup inyuma yaho kuja mu Bushinwa vyankiye. (Sun)

Wolves na Southampton bahiga umukinyi w'inyuma wa Juventus na Brésil, Rogerio w'imyaka 21, akina mu mugwi Sassuolo muri Serie A ku mugopo. (Mirror)

West Brom yoryohegwa no kuzana ku mugopo umukinyi wa Newcastle n'Ubwongereza, Jacob Murphy w'imyaka 23 akina imbere ku ruhande. (Express & Star)

Ibindi bisa n’ibi