Igitigiri c'abagwa mu myiyerekano mu gihugu ca Sudani kiguma kiduga

Abanyagihugu mu myiyerekano mu gisagara ca Omdurman Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abanyagihugu mu myiyerekano mu gisagara ca Omdurman

Komite y'abaganga bafise uruhara rukomeye mu myiyerekano imaze iminsi muri Sudani bavuze ko abantu batatu bishwe ku munsi wa Kane mu myiyerekano yo kugwanya ubutegetsi imaze gutandukira ibisagara vyinshi vy'igihugu.

Abajejwe intwaro bavuga ko abantu 30 aribo bamaze gupfa kuva imyiyerekano itanguye itariki 19 Ukwezi kwa 12, ariko abaharanira agateka ka zina muntu bakavuga kw'ico gitigiri gishobora kuba kiruta ngaho.

Abakuru b'iyo migumuko basavye kw'imyiyerekano y'inyuma y'ibisabisho vyo ku munsi wa Gatanu yobera mu bibanza bikunze kujamwo abantu benshi, ivyo bigashobora gufatwa nk'agasotoro.

Babiri mu bapfuye bari abanyeshuli ba Kaminuza - umwe akaba yishwe n'urusase rwamufashe mu gikiriza, uwundi ahohoterwa n'abajejwe umutekano, nkuko uwo mugwi w'abaganga wabishikirije.

Ku munsi wa Kane, ibihumbi vy'abanyagihugu barihaye amabarabara mu cafashwe nk'imigumuko ya mbere ikomeye yo kugwanya ubutegetsi.

Ibiciro biguma biduga vy'ibitoro hamwe n'umukate, nivyo vyatanguje iyo myiyerekano mu kwezi kwa 12.

Ariko mu mezi arangiye, abakora iyo myiyerekano basaba ko Perezida Omar al-Bashir amaze imyaka 30 ku butegetsi yotanga imihoho.

Inteko za leta zashwiragije abari muri iyo myiyerekano zikoresheje ivyuka bibaba, amasasu no gufata abo zishoboye.

Abafashwe bashika mu majana barimwo abantu bakomeye mu batavuga rumwe n'ubutegetsi, abaharanira amateka n'abamenyeshamakuru.

Bamwe mu bamenyeshamakuru b'abanyamahanga barahagarikiwe impusha zo gukorera mu gihugu ca Sudani.

Ibindi bisa n’ibi