Ingingo ku rubanza nkurunziza aregamwo aba avuga ko bamutyoza ni mu kwezi kwa kane
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Sentare y'i Paris izofata ingingo itariki 05/04/2019 mu rubanza rw'abaregwa gutyoza Prezida Nkurunziza

Sentare mu muji wa Paris yatangaje ko urubanza rw'abaregwa gutyoza umukuru w'u Burundi, Pierre Nkurunziza, rushizwe mu mwiherero ingingo ikazofatwa mu kwezi kwa kane.

Uno munsi wari uwugira kabiri sentare y'i Paris mu Bufaransa, yumviriza urubanza rushingiye ku kirego catanzwe na Prezida Nkurunziza w'u Burundi.

Muri urwo rubanza arega televiziyo y'Ubufaransa France 3, umunyamakuru wayo, umunyamategeko Bernard Maingain n'umwanditsi David Gakunzi.

Abarega ko bamwambitse iceyi mu kiganiro iyo televiziyo yacishijeko cerekana ubwicanyi bwariko burakorwa n'abo ico kiganiro cavuze ko bari imbonerakure zari mu rugo rwa Prezida i Karuzi.

Prezida Nkurunziza avuga ko cari ikinyoma kuko abo bicanyi batari ku butaka bw'u Burundi, n'ikimenyamenya ngo ni uko bariko baravuga ururimi rwo muri Afrika y'uburengero.

Sentare yaciye itangaza ko urubanza rushizwe mu mwiherero, ikazotangaza ingingo yafashwe itariki 05/04/2019.

Mugenzi wacu Florentine Kwizera yari muri sentare i Paris gukurikirana urwo rubanza, atubwirwa ivyavuzwe n'uruhande rurega hamwe n'ukwisigura kw'abaregwa, mu kiganiro mushobora kwumva aho hejuru.

Ibindi bisa n’ibi