Abantu bo ku nkengera z’uruzi Gasenyi bariruhutsa inyuma y’aho ruciriwe inzira

Ibikorwa vyo gusanura inzuzi zica mu gisagara ca Bujumbura
Image caption Impfu z'abantu bahitanywe n'inzuzi zitari zubakiye, zatumye leta ikura amaboko mu mpuzu

Uruzi Gasenyi rwigeze guta inzira kubera imvura y'isegenya ruhitana abantu barenga 70 mu 2014 ntirukigeramiye abanyagihugu barwegereye.

Abanyagihugu bo mu makaritiye yegereye uruzi Gasenyi bariruhutsa inyuma yaho rukorewe rugahabwa inzira ku buryo rutakigeramiye ubuzima bwabo.

Urwo ruzi rwari rugeramiye abanyagihugu cane cane mu makaritiye ya Gatunguru na Carama yo mu Buraruko bw'igisagara ca Bujumbura.

Mu kwezi kwa kabiri mu 2014, haraguye imvura y'isegenya ituma uruzi Gasenyi ruta inzira ruhitana abantu n'ibintu vy'aho rwaciye.

Ico gihe abantu barenga 70 ni bo bahasize ubuzima, amazu menshi na yo arasambuka.

Nzeyimana Francine aba muri karitiye Gatunguru BBC yasanze ku muhana iwe ariko aragaburira umwana, avuga ko atazibagira ivyabashikiye.

"Amazi yaraje ahitana abantu, amazu n'imirima. N'ubu ku nzu zimwe zimwe zasigaye zidasambutse, haraboneka aho amazi yagera.

"Ubu ariko turashima cane, n'aho imvura igwa, kubera uruzi Gasenyi barwubakiye, haraza imivo isanzwe ariko nta bintu yonona. Turanezerewe cane."

Umushingantahe Jean Marie Ndaribaze na we nyene yaganiriye na BBC avuga ko ubu ata bwoba bagifise.

Image caption Amazi akunze gutera ama karitiye ya Carama, Gatunguru na Kinama ava mu misozi ihanamye iri mu buseruko bw'igisagara ca Bujumbura

"Ubwa mbere twamana umutima mu kirere tubonye imvura igira igwe. Twabona ko urupfu rushitse.

"Ariko ubu turaremye. Kera amazi yarata uruzi Gasenyi akinjira mu mihana nko ku metero imwe n'igice y'uburebure. Ubu usanga ari imivo isanzwe."

Umupfasoni Pascaline Ntakarutimana avuga ko bashimira cane abakoze uwo mugambi kuko watumye amazi atakaza inguvu zo kwirara mu banyagihugu ava mu ruzi Gasenyi.

"Ubu imvura ntidutera ubwoba. N'abana barasohoka bagakina nta mutima usimba. Hasigaye gusa ko batwubakira amabarabara hamwe n'imiyoboro itwara amazi y'imvura."

Image caption Amazi yahora amanukana umurindi munini arimwo umusenyi, ugaca wuzura imiserege

Hagati aho, hari ibindi bikorwa vyo kwubakira inkengera z'uruzi Ntahangwa rugeramiye abantu baba ku nkengera yarwo, mbere bamwe bakaba bamaze guta baromoka.

Amazi akunze gutera ama karitiye ya Carama, Gatunguru na Kinama ava mu misozi ihanamye iri mu buseruko bw'igisagara ca Bujumbura.

Amazi amanukana umurindi munini arimwo umusenyi, ugaca wuzura imiserege, amazi agaca ashwara amabarabara n'amazu.

Mu 2014 abantu barenga 70 barapfuye muri quartier Gatunguru ifatanye na Carama bahitanywe n'amazi y'imvura ava mu misozi ihanamiye igisagara ca Bujumbura

Ubushikiranganji bujewe ibikorwa vya leta buvuga ko ibanki y'isi yatanze amafaranga yo gutunganya neza aho ayo mazi aca.

Ibindi bisa n’ibi