Abana 6 bishwe bahongowe amenyo, bacibwa n'amatwi muri Tanzaniya

Abantu basanga ubwo bwicanyi bufitaniye isano n'amarozi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abantu basanga ubwo bwicanyi bufitaniye isano n'amarozi

Ubutegetsi bwa Tanzaniya bwabwiye BBC ko bwatoye ibiziga vy'abo bana bibuze amenyo n'amatwi.

Bimwe muri ivyo biziga vyari vyaciwe iminwa kandi vyononekaye cane.

Ubwo bwicanyi bwatumye abantu batangura kugira amakenga ku bijanye n'amarozi muri iyo ntara ya Njombe, mu bumanuko bushira uburengero bwa Tanzaniya.

Umukuru w'intara ya Njombe, Ruth Msafiri yabwiye BBC ko abo bana batandatu baturuka mu muryango umwe.

Yemeje ko abo bakuwe muhira iwabo mw'ijoro, abavyeyi atariho bari.

Abantu babiri baramaze gufatwa nkuko amakuru ava muri ako karere avuga.

Uwurongoye intara yasavye abavyeyi kurikanura.

Ibindi bisa n’ibi