Abanyagihugu ba Uvira muri Kivu y'epfo muri Kongo baridogera Abarundi barwanira iwabo

Umusirikare w'umurundi mu gikorwa co guhagararira amahoro muri Somalia, i Mogadishu itariki 11/07/2017 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abatuye Uvira basaba leta ya Kongo kubakiza Abarundi baharwanira

Abanye Kongo baba mu muji wa Uvira muri Kivu y'epfo baridogera imirwano iri hagati y'impande zihanganye z'abarundi, imaze gutuma abanyagihugu benshi bateshwa izabo.

Ako karere ka Republika ya Demokrasi ya Kongo ngo kamaze ikiringo kirenga umwaka kaza karaberamwo itana mu mitwe hagati y'imigwi y'abarundi.

Umugwi uvugwa ni uwitwa Red Tabara ugizwe n'abarwanyi b'abarundi bavuga ko barwanya ubutegetsi bwa Prezida Pierre Nkurunziza, ugatana mu mitwe n'abaje kuwuhiga bavuye mu Burundi.

Mu ndwi zibiri ziheze imirwano yabereye mu turere twa Kiryama muri groupement ya Bijombo, abanyagihugu benshi bateshwa izabo.

BBC yavuganye n'umwe mu mvukira za Uvira, Enoc Ruberangabo, akaba yari no mu mugwi wagiye gutabaza i Kinshasa mu bushikiranganji bujejwe kwivuna abansi.

Yagize ati: "Ntitwumva ico abarundi n'abanyarwanda bashaka kutwicira. Abantu bashika ku bihumbi mirongo itatu baramaze guteshwa izabo."

Abajijwe niba azi koko ko ari abo baharwanira yagize at: "Hari Red Tabara igizwe n'abarwanyi baje bava mu Rwanda, bashigikiwe n'u Rwanda. Turabazi, baravyivugira, bakarwana n'abava mu Burundi."

Bwana Ruberangabo yabandanije avuga ko iryo tana mu mitwe rimaze ikiringo kingana umwaka umwe ngo kandi leta ya Kongo irabizi.

Enoc Ruberangabo yibaza ko igituma ataco leta ya Kongo irakora, ari uko ibikorwa vy'amatora bishobora kuba vyarayitwaye umwanya.

Biramaze kuvugwa

Si ubwa mbere bivugwa ko abasirikare b'u Burundi bajabuka urubibe rwa Kongo bagiye guhiga imigwi irwanya ubutegetsi bwa Bujumbura.

Umugwi Red Tabara, wavutse nyuma y'amatati mu 2015 yakurikiye kwitoza kwa Prezida Nkurunziza, uremanga ko ari umugwi w'abarwanyi uriho kandi urwanya ubutegetsi bw'u Burundi.

Leta y'u Burundi iwagiriza gushigikirwa n'u Rwanda, ikaba ari n'imwe mu mpamvu zituma ivyo bihugu vyombi bitumvikana muri iki gihe, ariko leta y'u Rwanda irabihakana.