Umugabo "yazutse" muri Ethiopia bagiye kumupfuba ubu hoho yagiriyeko

Hirpha Negero yarikangiye ari mw'isandugu mu kwezi kwa cumi na rimwe Uwufise ububasha kw’isanamu SIBU SIRE COMMUNICATION
Image caption Hirpha Negero yarikanguye ari mw'isandugu mu kwezi kwa cumi na rimwe, bari bagiye kumupfuba

Umugabo wo muri Ethiopia vyatangajwe ko "yazutse" igihe bari bagiye kumupfuba ubu hoho ntawiteze ko azuka nyuma y'aho "asubiriye" gupfa.

Hirpha Negero mu kwezi kwa cumi na kumwe vyatanjwe ko yaryamiye ukuboko kw'abagabo, ashirwa mw'isandugu amarayo amasaha atanu, ariko bagiye kumupfuba baza bumva ariko arakomanga kw'isandugu.

Bwana Hirapha yasiguriye BBC ivyamubayeko.

"Narumvise umuntu ariko ararira. Numvise impemu zigira zimperane nca ngerageza kwikura aho hantu. Nari nabaye nk'ikiragi, sinashobora no kuvuga."

Mu nyuma yagize amahirwe ashobora guhamagara abantu.

Uwukora akazi ko kwimba imva, Etana Kena, avuga ko abantu benshi baguye mu gahundwe bumvise ivyabaye baca bariruka, bikenerwa ko uwagire apfubwe yikura wenyene mw'isandugu.

Nyuma y'aho, amarira yo kumupfuba yahindutsemwo ivyishimo n'umunezero.

Kena, asanzwe ari se wabo wa Hirpa yagize ati: "Ndamaze gupfuba ibiziga bishika 50 canke 60. Sindabona ibitangaza nk'ibi. Vyaraboneka ko yapfuye."

Bwana Hirpha avuga ko yabonye ahantu heza cane igihe yari yataye akenge, abona umugabo yambaye impuzu zera aramubwira ati "subira muhira".

Muganga Birra Leggese yabwiye BBC ko bishoboka ko Hirpha yari yaravye bimwe bikomeye (coma intence).

Uwimba imva yarasubiye gupfuba Hirpha ubugira kabiri ku munsi wa gatatu haciye umunsi umwe aryamiye ukuboko kw'abagabo.

Yagize ati: "Ubu hoho nari nizeye neza ko yapfuye hari impamvu, kuko yari amaze igihe kirekire arwaye."

Ibindi bisa n’ibi