Indege nto yaguye ku nzu muri leta ya Californie yica batanu

Abanyagihugu bo muri ako karere birutse baja kuraba iyo nzu iriko irasha Uwufise ububasha kw’isanamu JOSHUA NELSON/REUTERS
Image caption Abanyagihugu bo muri ako karere birutse baja kuraba iyo nzu iriko irasha

Abajejwe intwaro muri Leta Zunze ubumwe za Amerika bavuze ko hari indege nto yaguye ku nzu muri leta ya Californie ku munsi wa Mungu, yica umudereva hamwe n'abandi bantu bane.

Iyo ndege y'imoteri zibiri yarasambutse munyuma ifatwa n'umuriro imaze kugenda igice c'urugendo, imbere yuko igwa ahitwa Yorba Linda, ikaritiye yo muri Los Angeles.

Urwo rugendo rwahavuye rugenda nabi haheze iminota mike iyo ndege ihagurutse ku kibuga kiri ku birometero 32 mu bumanuko bushira uburengero bw'igisagara.

Amazina y'abaguye mw'iryo sanganya ntarashigwa ahabona, ariko abakozi bo mu gisata kijejwe kuzimya umuriro bakaba bavuze ko hari abantu babiri bahiye bariko baravurigwa mu bitaro.

Abanyagihugu bavuga ko bumvise urwamo rumena amatwi imbere y'igiturika catumye inyubakwa y'igorofa zibiri ifatwa n'umuriro isaha 13;45 (21:45 GMT) ku munsi w'Imana.

Umudereva wenyene niwe yari muri iyo ndege yo mu bwoko bwa Cessna 414A, amakuru yashikiriye ikinyamakuru Los Angeles Times akavuga ko uwo mugabo yaramenyereye urwo rugendo ava ku kibuga c'indege Fullerton Municipal Airport.

Ibimanyu vy'iyo ndege vyatowe no ku zindi nyubakwa zine, nkuko vyashikirijwe na Eliott Simpson wo mu mugwi ngenzurabikorwa w'ikigo kijejwe umutekano mu kwunguruza abantu n'ibintu "National Transportation Safety Board".

Abantu 72 bo mu gisata co kuzimya umuriro bari muri ico kibanza isanganya ryabereyeko hamwe n'igipolisi, catanguye gutohoza ngo kimenye icateye iyo mpanuka.

Umunyagihugu umwe yabwiye LA Times ati: "Vyaturitse nk'ibombe."

"Wumva umengo ni ikintu gituritse. Canyiganije inzu."

Abantu batekewe n'ubwoba baciye baja kuri iyo nzu yariko irasha, bazimya ibimanyu vyasha n'amazi bavomye.

Umubanyi waho vyabereye yabwiye abo mu kigo c'itumanako ca Orange ati: "Wabona ibimanyu bikoragurika hirya no hino."

Abapfiriye mw'iyo nzu ni abagabo babiri hamwe n'abagore babiri, nkuko abakozi bo mu kigo Orange babishikirije mu nama n'abamenyeshamakuru.