Man City irasatira ngo itware kandi Premier League inyuma y'intsinzi kuri Arsenal

Umukinyi w'imbere wa Manchester City, Sergio Aguero yarinjije canke afasha kwinjiza ibitsindo 27 mu nkino 15 zo ku kibuga iwabo Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umukinyi w'imbere wa Manchester City, Sergio Aguero yarinjije canke afasha kwinjiza ibitsindo 27 mu nkino 15 zo ku kibuga iwabo

Umurwi wa Manchester City wategerezwa gutsinda urukino rwo kuri uyu wa Mungu, ico naco kikaba cashobotse kubera umurwi wa Arsenal warushijwe, ivyatumye City yegera cane umurwi wa Liverpool mu guhiganirwa ikibanza ca mbere mw'ihiganwa rya Premier League mu Bwongereza.

Manchester City waheruka gutsindwa na Newcaste mu rukino ruheruka, ariko nta ngaruka mbi vyagize kubera Liverpool nayo yari yanganije na Leicester City.

City rero ntiwashobora kwihenda imbere y'umurwi wa Arsenal vyaboneka y'uko warushijwe, cane cane mu gice ca kabiri. Igice ca mbere kikaba cagiye kurangira uwo murwi utsinzwe ibitsindo 2.

Mu gihe umurwi wa Mancheter City wari uherutse gutsindwa n'imirwi ya Crystal Palace, Leicester na Newcaste, intsinzi waronse muri urwo rukino rwayihuje na Arsenal yatumye usubira kugira inguvu.

Umukinyi Aguero yarerekanye ubuhinga mu gutsinda ibitsindo bitatu ubwiwe, abifashijwemwo na bagenzi biwe nka Raheem Sterling, David Silva, Bernardo Silva, Gundogan hamwe na Kevin de Bruyne.

Uwo mukinyi akaba ari mu bakinyi bamaze kwinjiza ibitsindo vyinshi. Amaze gutsinda ibitsindo 22 mu nkino 15 amaze gutanguzwa.

Inkino zitegekanijwe muri iyi ndwi zirashobora gutuma ibintu bihinduka, uhereye ku rukino rwo kuri uyu wa mbere aho Liverpool itana mu mitwe na West Ham United.

Ariko umukinyi Ilkay Gundogan aremeza ko umurwi wa Liverpool ari umurwi ukomeye cane kandi ufise n'abakinyi bakomeye.

Uwo murwi wowo ufise icizere kinini c'ugutsinda, na rirya uza guhura n'umurwi utifashe neza, mbere ibintu bikaba bitoroshe ku mumenyereza wawo, Marco Silva.

Liverpool itegerezwa kuvyifatamwo neza muri urwo rukino kugira ngo ihe intambwe umurwi Manchester City uyisugereje cane, naho nawo nyene wimirije inkino zitoroshe, aho kuri uyu wa gatatu uzohura na Everton, ku musi w'Imana naho wakire umurwi Chelsea.

Imirwi itatu-Liverpool, Manchester City na Tottenham- niyo iboneka ko iriko ihiganirwa cane ikibanza ca mbere-City ikaba irondera kugumana ikibanza cayo ca mbere.

Ibindi bisa n’ibi