Uruhara rw'abahagarikizi b'abakandida muri politike mu matora ya Nigeria 2019

Umukenguzamateka Godswill Akpabio
Image caption Godswill Akpabio niwe amenya uwutsinda amatora muri leta y'ibitoro vyinshi ya Akwa Ibom

Abahagarikizi b'abakandida "Godfathers" muri Nigeria ntibagwanira kuja ku butegetsi, ariko bazi ko aribo bashobora gutuma umuntu atsinda canke atsindwa.

Mu gihe iyamamaza rija rimaze gutangura mu kwitegurira amatora yo kw'itariki 16 Ukwezi kwa Kabiri, abo bagabo - kandi abagabo gusa - nibo batuma ibintu bidadanuka.

Nibo baterera mu gutanga uburyo bw'amahera kugira ngo abakandida bihitiyemwo batogwe.

Abakandida bafashe mu mugongo "godsons" ntibatogwa ngo baraminuje muri politike ahubwo kubera ko baba bashobora kuriha, bagasubiriza mu ndumane abahagarikizi babo.

Iyo nyifato yatumye havuka ijambo "umuhagarikizi mu matora" (godfatherism), nkuko bivugwa na Dr Dele Ashiru yigisha ivyigwa vya politike kuri Kaminuza ya Lagos.

"Bisigura ko haba hari umugabo akomeye cane muri politike agena umuhungu wiwe, akamuhimiriza kuja mu matora.

"Uwo mushigikizi akora ibishoboka vyose ngo umuhungu wiwe atsindire ico kibanza.

"Uwo muhagarikizi ategerezwa kuba afise ijunja, nkenshi baba ari abantu basanzwe bajejwe amabanga akomeye muri leta."

Iyo "ubuhagarikizi" butagenze neza...

Muri leta ya Akwa Ibom yimbugwamwo ibitoro vyinshi mu bumanuko bw'igihugu, abantu benshi bazo ko mu gihe wipfuza gutogwa, utegerezwa gukorana n'umukenguzamateka Godswill Akpabio.

Image caption Umukenguzamateka Akpabio niwe akomeye cane mu myiyamamazo ya APC muri leta ya Akwa Ibom

Mu gihe yigeze kuba bulamatari w'iyo leta, afise ububasha bunini muri politike yo muri iyo ntara.

Mu kwezi kwa 12 mu mwaka uheze, Perezida Muhammadu Buhari yasavye Akwa Ibom ngo amuhagararire mu myiyamamazo.

Bwana Akpabio bisa naho azomuzanira abantu benshi nkuko abantu bari mu myiyamamazo bavyivugiye, ko ashobora gutuma abantu 300000 batora APC.

Ariko umukenguzamateka Bwana Akpabio ntavyemera.

Avuga ati: "Ni haba hari uwuvuga ko ndi umuhagarikizi - godfather - sindamushigikiye.

Yabwiye BBC ati: "Igihe co nyene ushobora kuvuga ko nagize uruhara nk'urwa "godfather" ni mu 2015.

Naragenye bulamatari wa kino gihe, hanyuma ndamushikirije abanyagihugu baramushigikira."

Image caption Umuyoboke wa Bulamatari wa leta ya Akwa Ibom, Udom Emmanuel atacumvikana n'umuhagarikizi wiwe

Uwundi muyoboke w'umugambwe wiwe yavuze ko amatora yo mu 2015 yaranzwemwo ubwicanyi n'ibintu vyinshi bitagenze neza, bitewe na Bwana Akpabio.

Umana Okon Umana, yagwanira ikibanza c'ububulamatari ico gihe, yagirije Bwana Akpabio gukoresha uburyo bwa leta n'inteko z'igihugu mu gushikana umukandida wiwe ku butegetsi.

Avuga ko umuhagarikizi yicarana n'umupfasoni wiwe "akandika abantu bose bazitoza mu mabanga ya bulamatari...gushika no ku bibanza vy'abashingamateka.

"Yandika ayo mazina imbere y'amatora y'ibanze. Mu gihe utari kuri urwo rutonde ntushobora no gushika mu kibanza gikoregwamwo ayo matora y'ibanze."

Ico gihe mu 2015, sentare ntahinyuzwa yavuze ko amatora yo muri iyo leta yabaye ay'ukuri, abera no mu bwisanzure.

Image caption Imyiyamamazo ya APC muri leta Akwa Ibom yitabwe n'abantu benshi uno mwaka

Ariko ukwo "guhagarikigwa" gushobora kugenda nabi.

Onofiok Luke, arongoye inama nshingamateka ya leta ya Akwa Ibom, yahashitse yashigikiwe na Bwana Akpabio.

Mu gihe ari umuntu akunda gusenga cane, avuga ko yateye imbere mu vya politike kubera Imana, ariko benshi bavuga ko yafashijwe n'umuhagarikizi wiwe.

Kugwanira inkofero

Mu kandi gace gatandukanye k'igihugu, kazoza ka politike ka leta ya Kano igwiriyemwo aba Isilamu ntikava ku muhagarikizi gusa.

Image caption Abayoboke ba Rabiu Kwankwaso bambaye inkofero zitukura

Mu ntara ya Kano, kazoza k'iyo ntara irwiriyemwo aba isilamu, karashobora kuva ku ruhara abahagarikizi b'abakandida bafise mu buzima bwa politike.

Kano igira kabiri mu gihugu mu ma leta afise abiyandikishije kugira bazotore, ivyo bikayiha uruhara runini mu gutsinda canke gutsindwa kw'abaharanira ubutegetsi.

Rabiu Kwankwaso yigeze kurongora iyo ntara afise abantu benshi bamwizigiye cane, kubera umugambi yatanguje w'ukwiga ku buntu.

Umukandida uw'ari we wese yemewe nawe, aba afise amahirwe menshi yo gutorwa.

Yarahatanguje n'umuhari w'abayoboke biwe ba politike yise Kwankwasiyya.

Abanywanyi bawo bafise inyambaro zabo bisangije zigizwe n'inkofero itukura n'ikanzu yera.

Ashigikiye Abba Kabiru Yusuf, umukandida wo mu mugambwe People's Democratic Party (PDP), inyuma yaho atandukanye n'uwahora ari somambike wiwe.

Image caption Umukenguzamateka Rabiu Kwankwaso yahora ari bulamatari wa Kano

Ku vyapa vy'ukwiyamamaza, isanamu ya Kwankwaso niyo iboneka gusumba iy'uwiyamamaza ku giti ca PDP.

Kwankwaso yabwiye BBC ko gushika ubu mu ntara zose, cane cane mu buraruko bwa Nigeria bigoye gusanga umuryango utagira umunywanyi wa Kwankwasiyya.

Atari serugo, ni inarugo, canke umwe mu bana, canke umukozi.

Mu matora aheruka, yashigikiye Abdullahi Ganduje yari icegera ciwe mu gihe yari arongoye iyo ntara akaba ari we yatsinze.

Uyo nawe amaze kuyatsinda, yaciye atanguza umuhari wiwe yise Gandujiyya, ufise intumbero yo gutwara abanywanyi ba Kwankwaso.

Ibindi bisa n’ibi