Umu pasitori wo muri Zimbabwe yarezwe kubesha ko avura umugera wa SIDA HIV

Walter Magaya ariko yigisha abayoboke biwe Uwufise ububasha kw’isanamu Walter Magaya/Facebook
Image caption Walter Magaya afise abayoboke benshi bamukurikira

Sentare yo muri Zimbabwe yahanishije Walter Magaya, yiyita intumwa y'Imana, amande y'amadorari 700 kubera ububeshi bwo kuvuga ko afise umuti uvura umugera wa SIDA.

Walter Magaya, yari yemeye icaha co guca kubiri n'ubuganga, mu kudandaza umuti utemewe n;amategeko.

Igipolisi camutaye muri yompi mu kwezi kwa cumi na rimwe umwaka uheze, gifata n'ivyatsi yavuga ko bivura abantu bafise umugera wa SIDA.

Zimbabwe kiri mu bihugu bifise abantu benshi banduye umugera wa SIDA mu bihugu vyo munsi y'ubugararwa bwa Sahara, aho kiza ubugira gatandatu

Hafi abagera ku miliyoni 1.3 bagendana umugera wa SIDA, nk'uko ibiharuro vya OMS vyo mu 2016 bibigaragaza.

Uyu mugabo w'imyaka 35 ari mu mugwi w'abantu bantu bakiri bato, b'imvugo ikarishe kandi yuzuye ukwiyemera, bitwa abavugabutumwa bakomeye, bagiye ahabona kuva mu gihe c'irindimuka ry'ubutunzi bwa Zimbabwe.

Bakwirikirwa na benshi barondera ibitangaza bijanye no gukira mu buryo bw'amagara n'ubutunzi nk'uko umunyamakuru wa BBC Shingai Nyoka abivuga.

Ngo yabwiye abayoboke biwe mu kwezi kw' icumi mu mwaka uheze, ko uwo muti yita aguma, ufise ubushobozi bwo gukiza umurwayi wa SIDA mu kiringo kitarenze indwi zibiri.

Yabwiye abayoboke ko uwo muti ata n'ingaruka ufise.

Leta yafashe ayo majambo yiwe nk'icaha, abapolisi batera umukwabu ku biro iwe.

Ibindi ku bavuga ko batanga miti ya SIDA

Urwandiko rumurega ruvuga ko Magaya na begenzi we bagerageje gusesa iyo miti mu musarane, baturira n'ivyo yari ibitsemwo, ariko vyarashoboye gutorwa bitaratokombera.

Urwo rwandiko ruvuga ko hariho n'udutu tw'iyo miti ya aguma, twuzuye n'utundi dutabuye basanze mu giseke gitabwamwo imicafu mu biro vya Magaya.

Uwunganira Magaya imbere y'amategeko, Everson Chatambudza, yabwiye sentare ko Magaya azi neza kandi yemeza ko umuti wiwe ari uwo ukuri, ariko yemanga ikosa ko yawutanze adafise uruhusa rw'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu.

Magaya yari yanatanguye gutanga umuti wo gusiga ku munwa avuga ko wari ufise ubushobozi bwo kuduza umurindi w'amaraso.

Ibindi kuri iyi nkuru